Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 5:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Vya binyabugingo bine bica bivuga biti: “Amen,” ba bashingantahe na bo baca bikubita hasi, barahimbaza.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 5:14
9 Referans Kwoze  

Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


bati Amen, umugisha no guhimbazwa n’ubgenge n’ishimwe n’icubahiro n’ububasha n’ubushobozi n’ivy’ Imana yacu ibihe bitazoshira. Amen.


Iy’ ushimye Imana, ushimishije impwemu yawe yonyene, mbeg’ ūri ku ruhande rw’abatungu yoshobora ate kuvuga, ati Amen, ni waheza gushima, kand’ atamenye ic’ uvuze?


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite