Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 5:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Nongeye kuraba kandi, nca numva amajwi y’abamarayika ibihumbi n’ibihumbi bakikuje ya ntebe y’inganji, n’aya vya binyabugingo, na ba bashingantahe,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 5:11
18 Referans Kwoze  

Uruzi rw’ umuriro rwiburuka ruva imbere yiwe; ibihumbi n’ibihumbi baramukorera, kand’ amasinzi n’amasinzi bari bahagaze imbere yiwe. Imanza zirashingwa, ibitabo birazingururwa.


Ariko mwegereye umusozi Siyoni, n’umurwa w’Imana nzima, Yeru salemu ho mw ijuru, n’ikoraniro rikuru ry’isinzi ry’abamarayika,


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Yemwe mwa bamarayika biwe mwese, ni mumushime: Yemwe mwa ngabo ziwe zose, ni mumushime.


Imikogote y’Imana n’ibihumbi cumi, ibihumi cumi, Mbere n’ibihumbi n’ibihumbi: Umwami Imana ari hagati yayo; Sinayi ur’ ahēra ho mu rusengero.


Numva ikimeze nk’ijwi ry’ishengero rinini, n’ikimeze nk’ugusūma kw’amazi menshi, n’ikimeze nk’ijwi ry’imituragaro ihambaye, kivuga, kiti Haleluya, kuk’ Umwami Imana yacu ishobora vyose ihangamye.


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Mikaya arongera, ati None rero ni wumve ijambo ry’Uhoraho: mbonye Uhoraho avyagiye ku ntebe yiwe, ingabo zose zo mw ijuru zimuhagaze i buryo n’i bumoso.


Muhimbaze Uhoraho, mwebge bamarayika biwe: Mwebge banyenkomezi nyinshi bashikisha ijambo ryiwe Kubangira ugutwi ijwi ry’ ijambo ryiwe.


at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.


Kandi Henoki, ni we yagira indwi uhereye kuri Adamu, yavugishijwe n’Imana ivyabo, at’ Eh’ Uhoraho yazananye n’amasinzi y’abera biwe,


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Igitigiri c’ingabo z’abarwanira ku mafarasi car’ ibihumbi amajana igihumbi kabiri: igitigiri cabo naracumvise.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite