Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Kimwekimwe cose muri vyo cari gifise amababa atandatu, cuzuye amaso hose n’imbere muri vyo. Ijoro n’umurango, ntivyahengeshanya kwama bivuga biti: “ ‘Uwera, uwera, uwera, ni we Mwami Imana Mushoboravyose,’ yamyeho, ariho, kandi agira aze.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:8
42 Referans Kwoze  

Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Yesu Kristo uko yar’ ar’ ejo, n’uyu musi ni kw akiri, ni kw azokwama ibihe bidashira.


Uhoraho, mu vyitwa imana n’iyihe ihwanye nawe? N’iyihe ihwanye nawe, wewe w’icubahiro kivuye mu kwera, Wewe uteye ubgoba kubg’ ibihambaye ukora, wewe ukora ibitangaza?


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


bati Turagushimye, Mwami Mana ushobora vyose, uriho kandi wamyeho, kuko wābiriye ububasha bgawe buhambaye, ukima.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Kimwe‐kimwe cari gifise mu maso hane, kandi kimwe‐kimwe nyene cari gifise amababa ane.


Ūba mu bgigobeko bg’Īsumba vyose Azokwama ari mu gitūtu c’ Īshobora vyose.


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.


Kandi sinabonye urusengero kuri wo, kuk’ Umwami Imana ishobora vyose na wa Mwagazi ari bo rusengero rwawo.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


Kubga Siyoni sinzocereza, no kubga Yerusalemu sinzoruhuka, gushitsa ah’ ugutsinda kwaho kuzoserukira nk’umuco, n’ agakiza kaho kakamera nk’itara ryaka.


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Ewe wa musi mubi! Kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


uvuge ijambo ry’Imana, uhore ugavye mu gihe gikwiye no mu kidakwiye, uhane, wihanize, uhanūre, mu kwihangana kwose no mu kwigisha.


Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.


Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.


Nuko mwame mugavye, mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasība guhanūra umuntu wese ndira, ku murango no mw ijoro.


Imana yishura Mose, iti NDI UWO NDI WE: kandi, it’ Ukw abe ari k’uzobgira Abisirayeli, uti NDIHO yabantumyeko.


Kandi muri wo hagati havamw’ ishusho y’ibinyabugingo bine. Kand’ uku ni ko vyasa: vyari bifise ishusho y’umuntu.


Ahihese hayo hāshika hejuru biteye ubgoba; kandi yose ukw ar’ ane, ahihese hayo hāri huzuyekw amaso impande zose.


Kand’ imibiri yabo yose, no mu migongo yabo, n’ amaboko yabo, n’amababa yabo, bo na ya makurudumu, ni yo ya makurudumu nyene yabo ukw ari bane, vyari vyuzuyekw amaso impande zose.


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite