Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ikinyabugingo ca mbere casa n’intambge, ica kabiri casa n’inyana, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n’ah’ umuntu, ica kane casa n’inkukuma iguruka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Ikinyabugingo ca mbere casa n’intambwe, ica kabiri casa n’impfizi ikiri nto, ica gatatu cari gifise mu maso hasa n’ah’umuntu, ica kane cari kimeze nk’inkona iriko iraguruka.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:7
20 Referans Kwoze  

Kand’ umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane: mu maso ha mbere hāri mu maso h’umukerubi, mu maso ha kabiri hāri mu maso h’ umuntu, mu maso ha gatatu hāri mu maso h’intambge, kandi mu maso ha kane hāri mu maso h’ inkukuma.


Mu maso havyo uko hāsa, vyari bifise mu maso nk’ah’ umuntu; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’ intambge mu ruhande rw’i buryo; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ah’ inka mu ruhande rw’i bumoso; kand’ ukw ari bine, vyari bifise mu maso nk’ ah’ inkukuma.


Umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane, kand’ umwe‐umwe yar’ afise amababa ane; kandi hār’ ibisa n’ amaboko y’umuntu musi y’amababa yavyo.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Ica mbere casa n’intambge, kandi cari gifise amababa nk’ay’ inkukuma; ndacitegereza, gushitsa ah’ ivyubi vyaco bihanyuwe, gikūrwa hasi, gihagarikwa ku maguru, cēma nk’umuntu, kandi gihabga umutima nk’uw’ umuntu.


Kandi vyari bifise amaboko nk’ay’ umuntu musi y’amababa yavyo mu mpande zavyo ukw ari zine; ivyo ukw ari bine, uku ni ko mu maso havyo n’ amababa yavyo vyari bimeze:


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


Uhoraho azobagomorera ihanga rya kure, ribatere, arikūye ku mpera y’isi, rize nk’ukw inkukuma yirasa, ihanga mutazomenya ururimi rwaryo,


Naho wodūga intumbgejuru nk’inkukuma, kandi naho wokwārika icāri cawe hagati y’inyenyeri, nzogukorora ngukūreyo, ni k’Uhoraho agize.


Iyo havyutse umugararizo mu gihugu abakiganza baba benshi, Arikw abantu b’ubgenge bakerebutse batuma impore ihoraho.


Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ ar’ abanyagikundiro! Nta cabatandukanije mu kubaho kwabo canke mu gupfa kwabo. Bārusha inkukuma kunyaruka, Bārusha n’intambge gukomera.


Yuda n’ikibunda c’intambge: Uradūze, mwana wanje, uvuye mu ruhīgi. Arūnamye, abunda nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohangāra kuyūbura?


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Barabunze, baryama nk’intambge, Mbere nk’intambge y’ingore: ni nde yohāngāra kubavyutsa? Ūzobahezagira na we ahezagirwe, Ūzobavuma na we avumwe.


Rāba, iryo hanga ribaduka nk’ intambge y’ingore, Rivumbuka nk’intambge y’ ingabo: Ntiriryama ritariye ico ryishe, Ritanyoye amaraso y’abishwe.


Kand’ amennye ica kabiri kimatanije ca gitabo, numva ikigira kabiri mu binyabugingo, kiti Ngwino.


Kand’ amennye ica gatatu kimatanije ca gitabo, numva ikigira gatatu mu binyabugingo, kiti Ngwino. Mbona ifarasi y’agafyiri: kand’ ūyicayeko yar’ afise umunzane mu minwe.


Kand’ amennye ica kane kimatanije ico gitabo, numva ijwi ry’ikigira kane mu binyabugingo, kiti Ngwino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite