Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Kandi imbere yayo hari igisa n’ikiyaga c’ibiyo kibonerana cane. Hagati na hagati n’ahakikuje iyo ntebe, hari ibinyabugingo vyuzuye amaso imbere n’inyuma.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:6
25 Referans Kwoze  

Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Kand’ umwe‐umwe yar’ afise mu maso hane: mu maso ha mbere hāri mu maso h’umukerubi, mu maso ha kabiri hāri mu maso h’ umuntu, mu maso ha gatatu hāri mu maso h’intambge, kandi mu maso ha kane hāri mu maso h’ inkukuma.


Kand’ imibiri yabo yose, no mu migongo yabo, n’ amaboko yabo, n’amababa yabo, bo na ya makurudumu, ni yo ya makurudumu nyene yabo ukw ari bane, vyari vyuzuyekw amaso impande zose.


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,


Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.


Kand’ ibirimba, ukw ar’ icumi na bibiri, vyar’ imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’ izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana.


Urugo rwawo rwubakishijwe yasipi, umurwa war’ izahabu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene.


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


Maz’ akora igikarabiro citwa ikiyaga, akivugutiye mu nkero, ubgaguke bgaco, uhereye ku rubiga rw’uruhande rumwe ugashitsa ku rundi, bgar’ amatambge cumi y’ukuboko uciriye mu nkokora, bgarangana impande zose; uburebure bgaco bg’igihagararo bgar’ amatambge atanu; urubiga rwaco rwazengukwa n’umugozi w’amatambge mirongwitatu.


Izahabu n’ibirahuri nta ho vyoshobora kugereranywa na bgo; N’ivyacuzwe mw izahabu nziza ntivyobukāba.


Maz’ acura ikigārigāri mu miringa, co gukaraba, acura n’ intebe yaco mu miringa nyene, abicuze mu vyīrore vy’imiringa vy’abagore bākoranira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro gukora ibikorwa.


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Ndarāba, numva ijwi ry’abamarayika benshi bakikije ya ntebe na vya binyabugingo na ba bakuru: igitigiri cabo car’ amasinzi n’amasinzi, n’ibihumbi n’ibihumbi.


Mbona Umwagazi w’Intama amena kamwe muri twa dushashara ndwi tumatanije ca gitabo: numva kimwe muri vya binyabugingo bine kivuga nk’ijwi ry’inkuba, kiti Ngwino.


Numva hagati y’ivyo binyabugingo bine nk’ijwi rivuga, rit’ Ingero imwe y’ingano n’idenariyo‐idenariyo, n’ingero zitatu za sayiri n’idenariyo‐idenariyo: arikw amavuta na vino ntugire ic’ ubikorako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite