Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Kandi kuri ya ntebe y’ubgami hava imiravyo n’amajwi n’imituragaro: kand’ imuri ndwi z’umuriro zākira imbere y’iyo ntebe, ni zo Mpwemu ndwi z’Imana:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kuri iyo ntebe hava imiravyo, urwamo n’imituragaro. Imbere y’iyo ntebe hari amatara indwi yaka, ari zo mpwemu indwi z’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:5
24 Referans Kwoze  

Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Mbona hagati ya ya ntebe na vya binyabugingo bine no hagati ya ba bakuru, Umwagazi w’Intama ahagaze, asa n’uwishwe, afise amahembe ndwi n’amaso ndwi, ni vyo Mpwemu ndwi z’Imana, zatumwe kwama zija mw isi yose.


Ku musi ugira gatatu mu gatondo haba imituragaro n’imiravyo, n’igicu c’igipfungu kizitanye kur’ uwo musozi, humvikana n’ijwi ry’inzamba rirengēra cane; abantu bose bar’ aho bashagaje bahinda agashitsi.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


arambaza, at’ Ubona iki? Ndamwishura, nti Mbona igiterekwakw amatara, cose gicuzwe mw izahabu, umubehe waco ur’ ahahera hejuru, ushamitsekw amatara ndwi; kand’ ayo matara ari hejuru kuri wo, rimwe‐rimwe rifise umuheha, yose ukw ar’ indwi.


Abantu bose bumvise ya mituragaro, babonye ya miravyo, bumvise n’ijwi rya ya nzamba, babonye na wa musozi upfūndūka umwotsi, baterwa n’ubgoba bahinda agashitsi, barasuha bahagarara kure.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Kandi ku vy’ishusho y’ivyo binyabugingo uko yar’ imeze, vyasa n’amakara y’umuriro yaka, kandi vyasa n’imuri; uwo muriro waca hirya no hino hagati y’ivyo binyabugingo: uwo muriro wakayangana cane, kandi muri wo havamw’ imiravyo.


Mana, urateye ubgoba ur’ ahēra hawe: Imana y’Abisirayeli ni yo iha abantu bayo inkomezi n’ ubushobozi. Imana ihimbazwe.


n’ibiterekwakw amatara vyacuzwe mw izahabu iramuye, bo n’ amatara yavyo, kugira ngw aze yame yākira hino y’Ahēra Cane, nk’uko vyashinzwe;


Araheza agicurira amatara ndwi, n’imakasi zaco zo gutunganya urutambi, n’ udusahani two gushirwak’ umunyota warwo, abicuze mw izahabu iramuye.


Hababonekera ibirimi vyigabanije, nk’ivy’ umuriro; bibajak’ umwe‐umwe.


N’ukuri jeho ndababatiza mu mazi ngo mwihane; arik’ ūzoza hanyuma yanje andusha ubushobozi, ntibimbereye no kumutwaza inkweto. Uyo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.


Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.


Uheze uz’ ugicurire amatara ndwi, ayo matara az’ aterekwe kuri co uburyo butuma abonesha imbere yaco.


Ico gihe ubgami bgo mw ijuru buzosa n’inkumi cumi, zajanye amatara yazo, zija gusanganira umukwe.


Asemerera n’ijwi rirenga, nk’ukw intambge yivuga: asemereye, imituragaro ndwi ituragara amajwi yayo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite