Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwar’ avyagiye yasa n’akabuyenge kitwa yasipi n’akitwa sarudiyo: kand’ umunywamazi war’ ukikije iyo ntebe, usa n’akitwa simaragido.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Uwari ayicayeko yasa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Yasipi hamwe n’iryitwa Sarudiyo. Kandi iyo ntebe yari izungurutswe n’umunywamazi usa n’ibuye ry’igiciro ryitwa Simaragido.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:3
13 Referans Kwoze  

Nk’uk’ umunywamazi wo ku gicu usa ku musi w’imvura, ni k’ugukayangana kwari kumukikije hirya no hino kwasa. Ivyo vyari bimeze nk’ibisa n’ubgiza bg’Uhoraho. Mbibonye, nikubita hasi nubamye, numva ijwi ry’ūvuga.


ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,


Mbona umumarayika wundi w’inkomezi, amanuka ava mw ijuru, yambaye igicu, no mu mutwe yari yambaye umunywamazi, mu maso hiwe hasa n’izuba, amaguru yiwe asa n’inkingi z’umuriro.


Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’ utubuyenge twose tw’igiciro kinini, twitwa odemu na pitida na yahalomu na tarushishi na shohamu na yasipi na safiro na nofekina na bareketi, bo n’izahabu: ubuhanga bgo kubāza udushako tw’ingoma n’imyironge bgar’ i wawe; vyari vyarateguwe umusi waremwako.


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


babona Imana y’ Abisirayeli; musi y’ibirenge vyayo hameze nk’umusezero w’amabuye yitwa safiro, usa n’ijuru ubgaryo iyo ryiharanguye.


mu wa kabiri har’ utwitwa nofekina na safiro na yahalomu;


mu wa kabiri habe utwitwa nofekina na safiro na yahalomu;


Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero.


Maze ngize ntya mbona mw itāzānure ry’ijuru ryo hejuru y’imitwe ya ba bakerubi, haboneka igisa n’ibuye ryitwa safiro, kimeze nk’igisa n’intebe y’ubgami.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite