Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 ba bashingantahe mirongo ibiri na bane baca bikubita imbere y’uwicaye kuri ya ntebe, bagahimbaza uwuriho ibihe bidashira, bagashira hasi za ngori zabo imbere ya ya ntebe y’inganji, bavuga bati:

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:10
28 Referans Kwoze  

Amaze kwābīra ico gitabo, vya binyabugingo bine na ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’uwo Mwagazi, bafise inanga bose, n’inzavya z’izahabu zuzuye imibavu, ni yo gusenga kw’abera.


Ba bakuru mirongwibiri na bane na vya binyabugingo bine vyikubita hasi, bisenga Imana ivyagira kuri ya ntebe, biti Amen; Haleluya.


Ba bakuru mirongwibiri na bane, bicara ku ntebe zabo imbere y’Imana, bikubita hasi bubamye, basenga Imana,


Ni muze tumusenge twunamye, Dupfukamire Uhoraho Umuremyi wacu,


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Abamarayika bose bari bahagaze bakikije ino ntebe, bakikije na ba bakuru na vya binyabugingo, bikubita hasi bubamye imbere y’intebe, basenga Imana,


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


Ni nde atazogutinya ga Mwami, cank’ atazohimbaza izina ryawe? Kukw ari wewe wenyene wera, amahanga yose azoza akwikubite imbere, agusenge, kukw amateka yawe agororotse aseruwe.


Mber’ abami bose bazomwikubita imbere, Amahanga yose azomusaba.


Kand’ iyo vya binyabugingo bihaye uguhimbazwa n’icubahiro n’ishimwe Ivyagiye kuri ya ntebe, ni yo Ibaho ibihe bitazoshira,


Dawidi araheza abarira iryo koraniro ryose, at’ Enda ni muhimbaze Uhoraho Imana yanyu. Nukw ikoraniro ryose bahimbaza Uhoraho Imana ya ba sekuruza, bunamika amaso, bakubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho n’imbere y’umwami.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Abisirayeli bose babonye ingen’ umuriro utibutse, n’ubgiza bg’Uhoraho ingene bgari kur’ iyo ngoro, bunamika amaso, barūnama bashika hasi ku mabuye ahashashe, barasenga, bakengurukira Uhoraho, bat’ Uhoraho ni mwiza, kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


Na bo baramusenga, basubira i Yerusalemu bafise akanyamuneza kenshi,


Ntabe ari twebge, Uhoraho, ntabe ari twebge, Arikw izina ryawe abe ari ryo uha icubahiro, Kubg’ imbabazi zawe n’ ukuri kwawe.


Maze Yobu ava hasi, yitantamurirak’ umutamana wiwe yimosha inkomvorera, yikubita hasi, arasenga,


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


Mbere mmanitse ukuboko kwanje, ndagutunze mw ijuru, Nti Ndahiye ukubaho kwanje, nk’uko namah’ ibihe vyose,


Imana irahangamye mu mahanga; Imana iravyagiye ku ntebe yayo yera.


Mu mwaka Umwami Uziya yatanzemwo, nabonye Umwami Imana avyagiye ku ntebe y’ubgami ndende, ashizwe hejuru, impuzu yiwe y’igisāga yuzuye urusengero.


Igihe cashinzwe kirangiye, jewe Nebukadineza nunamurira amaso yanje mw ijuru, akenge karagaruka, nca mpimbaza Īsumba vyose, kandi nshima Ībaho ibihe bitazoshira, ndayubaha; kukw ingoma yayo ar’ ingoma itazohangūra, kand’ ubgami bgayo buzohangama ukw ibihe bikūranwa.


Mbona wa muntu yambaye impuzu zera, yari hejuru y’amazi y’urwo ruzi, amanika ukuboko kw’i buryo n’ukw’ i bumoso, ayatunga mw ijuru; numva arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yuko bizomara igihe n’ibihe n’igice c’igihe; kand’ ati Ni bamara guca ubgoko bgera ubunywenywe, ivyo vyose bizoba bishize.


Ako kanya mba muri Mpwemu: kandi mbona intebe iteretse mw ijuru, mbona n’Ūyivyagiyeko.


arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:


Kimwe muri vya binyabugingo bine giha bano bamarayika ndwi inzavya ndwi z’izahabu, zuzuye uburake bg’Imana ibaho ibihe bitazoshira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite