Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 4:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Hanyuma y’ivyo ndāvye mbona mw ijuru urugi rwuguruye, kandi rya jwi nabanje kwumva rivugana nanje ari nk’iry’ inzamba, rirambgira, riti Dūga uze hano, nkwereke ibikwiye kuzobaho hanyuma y’ivyo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Inyuma y’ivyo ndarangamiza, mbona umuryango wuguruye mw’ijuru. Rya jwi nari numvise ubwa mbere rivuga nk’inzamba, rimbwira riti: “Duga uze hano, ndakwereke ibigiye kuba inyuma y’ibi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 4:1
21 Referans Kwoze  

Bumva ijwi rirenga rivuye mw ijuru ribabarira, riti Ni mudūge muze ino. Badūga mu gicu baja mw ijuru abansi babo barorēra.


Uhoraho abarira Mose, ati Dūga, uze aho ndi kur’ uyu musozi, ugumeho; nanje nzoguha ibisate vy’amabuye birikw ivyagezwe n’amabgirizwa, ivyo nanditse ng’ uvyigishe.


Nuko wandike ivy’ ubonye n’ibiriho n’ibizoba hanyuma y’ivyo,


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Avuye mu mazi, aca abona ijuru ritandukanye, Mpwemu aramanuka amugwako, asa n’inuma.


Arambarira, at’ Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ ukuri, kand’ Umwami, ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba.


Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye.


aravuga, at’ Ehe mbonye ijuru rikingurutse, n’Umwana w’umuntu ahagaze i buryo bg’Imana.


Arik’ uwo Mpwemu w’ukuri ni yaza, azobarōngōra abashitse ku kuri kwose, kukw atazovuga ivyo yigeneye, arikw ivy’ azokwumva vyose ni vyo azovuga, kand’ azobamenyesha ibigira bize.


Nukw abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, arikw arasenga, ijuru rirakinguruka,


Uhoraho aramwishura, ati Genda umanuke, uheze uje kudūgana na Aroni: arikw abaherezi n’abandi bantu boye gutwaza ngo baze iyo ndi, kugira ngo simbatsindeho.


abona ijuru ryugurutse, maze hamanuka ikintu kimeze nk’uruhuzu runiniya, rufashwe ku mitwe ine, kija hasi,


Yesu amaze kubatizwa, aca ava mu mazi: maz’ ijuru riruguruka, abona Mpwemu w’Imana, amanuka asa n’inuma, amugwako.


Aya ni yo mazina ya bene Isirayeli bagiye muri Egiputa, bajanye na Yakobo, umuntu wese ajana n’abo mu rugo rwiwe:


Mu mwaka wa mirongwitatu, mu kwezi kwa kane, ku musi ugira gatanu w’ukwo kwezi, nari kumwe n’abājanywe ar’ inyagano turi ku ruzi Kebari; ijuru riruguruka, maze mbona ivyo neretswe bivuye ku Mana.


Mpindukira kurāba ijwi rivuganye nanje: mpindukiye mbona ibiterekwakw amatara ndwi vy’izahabu,


Urusengero rw’Imana rwo mw ijuru rurugururwa, mu rusengero rwayo habonekamw’ isandugu y’isezerano ryayo, hakurikira imiravyo n’amajwi n’imituragaro no gutigita kw’isi n’urubura ruhambaye.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Ivyoba vyiza n’uko bokubarira, bat’ Igira hino imbere, Hako bagusubiza inyuma imbere y’ūganza, Uwo amaso yawe yiboneye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite