Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura; aravuga ati.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:7
38 Referans Kwoze  

Kand’ urupfunguzo rw’inzu ya Dawidi nzorushira ku bitugu vyiwe; kand’ azokwugurura ntihagire uwugara, azokwugara ntihagire uwugurura.


Nzoguha impfunguzo z’ubgami bgo mw ijuru: kand’ ico uzohambira mw isi kizoba gihambiriwe mw ijuru; n’ico uzohamburura mw isi kizoba gihamburuwe mw ijuru.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Rāba, irasambura, ntihasubire kwubakika; Yugarana umuntu, ntihashobore kwuguruka.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w’Īsumba vyose, kand’ Umwami Imana azomuha intebe y’ubgami ya sekuruza Dawidi,


ati Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.


Ntutinye, musiba we Yakobo, namwe nkehwa z’ Abisirayeli; nzogutabara, ni k’ Uhoraho agize; kand’ Uwera w’ Abisirayeli ni we mucunguzi wawe.


Kandi tuzi yuk’ Umwana w’Imana yaje, akaduha ubgenge ngo tumenye Iy’ ukuri, kandi turi mu Y’ukuri, turi mu Mwana wayo Yesu Kristo. Iyo ni yo Mana nyakuri, n’ubugingo budashira.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Kuko jewe Umuremyi wawe ari jewe mugabo wawe; Uhoraho Nyen’ ingabo ni ryo zina ryanje; Uwera w’Abisirayeli ni jewe Mucunguzi wawe; nzokwitwa Imana y’isi yose.


Baririmba indirimbo nsha, bati Birakubereye kwābīra igitabo, no kumena ibikimatanije, kuko wishwe, ugacungurira Imana abo mu miryango yose no mu ndimi zose no mu moko yose no mu mahanga yose, ubacunguje amaraso yawe,


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Ariko mweho mwihakana Uwera kand’ Umugororotsi, musaba ko babarekurira umwicanyi,


Ijuru n’isi bizorangira, arikw amajambo yanje nta co azoba.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


ati Yō! Duhūriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonnya? Ndakuzi uw’ uri we, ur’ Uwera w’Imana.


Rāba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n’iryari ritakuzi rizokwirukirako, kubg’ Uhoraho Imana yawe, no kubg’ Uwera w’Abisirayeli, kukw azoba aguhaye icubahiro.


Baririmba indirimbo ya Mose umusavyi w’Imana, n’indirimbo ya wa Mwagazi, bat’ Ibikorwa vyawe birahambaye kandi biratangaza, Mwami Mana ushobora vyose; inzira zawe n’iz’ ukugororoka n’ukuri, Mukama w’amahanga.


Uku ni k’Uhoraho agize, Umucunguzi wa Isirayeli, Uwera wiwe, abgira umwe abantu bakēngēra, uwo ihanga ryanka urunuka, umushumba w’ abaganza, at’ Abami bazobirāba bahaguruke; bo n’abaganwa, bakome amashi; kubg’ Uhoraho umwizigirwa, ni we Wera wa Isirayeli yagutoranije.


Uku ni k’Uhoraho Umucunguzi wawe, Uwera w’ Abisirayeli agize, ati Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.


ni k’Umucunguzi wacu agize, izina ryiwe n’Uhoraho Nyen’ ingabo, Uwera w’Abisirayeli.


kugira ngo barābe, bamenye, bitegereze, batahurire hamwe yuk’ ukuboko kw’Uhoraho ari kwo gukoze ivyo, kandi k’Uwera w’Abisirayeli ari we yabiremye.


Uzobigosora umuyaga ubitumure, agashururu kabishwiragize: nawe uzohimbarwa n’Uhoraho, wirate Uwera w’ Abisirayeli.


Babarirana basemerera, bat’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Uhoraho Nyen’ ingabo: isi yose yuzuye icubahiro ciwe.


Uhoraho agororoka mu nzira ziwe zose, N’umunyabuntu mu bikorwa vyiwe vyose.


Kukw inkinzo idukīngira ar’ Uhoraho; Umwami wacu n’Uwera w’ Abisirayeli.


Iyo yiyiziye, igata abantu mu ngoyi, Igakoranya abo kuja mu rubanza, ni nde yoyibuza?


Īvyagira kuri ya ntebe iravuga, iti Rāba vyose ndabihindura bisha. Kand’ it’ Andika, kukw ayo majambo ar’ ayo kwizerwa n’ay’ ukuri.


kukw amateka yayo ar’ay’ ukuri n’ukugororoka. Yaciriyekw iteka umwe maraya w’agahebuza, yononesha abari mw isi ubusambanyi bgiwe, kand’ imuhōye amaraso y’abagurano bayo.


Numva igicaniro kivuga, kit’ Ego me Mwami Mana ushobora vyose, amateka yawe n’ay’ ukuri n’ukugororoka.


Ivyo binyabugingo bine bifise amababa atandatu‐atandatu, kandi vyuzuye amaso impande zose n’imbere mu nda: ntibiruhuka ku murango no mw ijoro, vyama bivuga, bit’ Uwera, Uwera, Uwera, ni we Mwami Imana, ashobora vyose, yamyeho, kand’ ariho, kand’ agira aze.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


muve mu nzira mukikame, mukūre Uwera w’ Abisirayeli imbere yacu.


Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite