Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Abo nkunda bose ndabakankamira, nkabakāngīra; nuko gira umwete, wihane.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:19
31 Referans Kwoze  

Arikw iyo dutsinzwe n’urubanza duhanwa n’Umwami, kugira ngo ntituze dutsindwe n’urubanza rudashira hamwe n’ab’ isi.


Nuko ni wibuke aho wavuye ukagwa; wihane, ukore ibikorwa nk’ivya mbere. N’utagira urtyo, nzoza kuri wewe nkūre igiterekwakw itara cawe ahantu haco, shiti wihannye.


Hahirwa umuntu Imana ihana: Nuko rero ntukagaye igikangiro c’Ūshobora vyose.


Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo.


N’ukuri numvise Efurayimu yiganyira, ati Warankubise, ndakubitika, mmera nk’inyana itamenyereye ingōgo: mpindukiza mbone guhindukira, kuko wewe ur’ Uhoraho Imana yanje.


Uhoraho, umpane, ariko bitarenze urugero: ntumpanane ishavu, ng’ uhave unzimiriza.


Ubabgire, ut’ Ubu ni bgo bgoko butumviye Uhoraho Imana yabo, ntibemere kwigishwa: ukuri kurapfuye, kurazimiriye mu kanwa kabo.


Uhoraho, aho baboneye amagorwa ni ho bagushengereye; iy’ uguhana kwawe kubashikiriye basuka amajojwa.


Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana, Arikw inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.


Uwanka guhanwa aba akēngereye ubgiwe bugingo, Arik’ uwumvira ivyo ahanūwe aronka ubgenge.


Kukw ishaka ry’inzu yawe rindya; Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe.


Iy’ uhanishije umuntu ibikangiro kubg’ ukugabitanya kwiwe, Umumarak’ ubgiza nk’ukw inyenzi yonona: N’ukuri umuntu wese n’ impwemu zihumetswe gusa. Sela.


Mukwiye kumenya mu mitima yanyu yuk’ Uhoraho Imana yanyu abahana nk’uk’ umuntu ahana umwana wiwe.


Hahirwa umuntu yihanganira ibimugerageza, kuko ni yamara kurama azohabga igitsibo c’ubugingo, ico Imana yasezeraniye abayikunda.


yatwiguze kugira ngw aducungure, adukūrekw ivyo twagabitanije vyose, kandi yihumanurire ubgoko ngo babe icibare ciwe, barwane ishaka ry’ibikorwa vyiza.


ku vy’ ugushishikara, ntimugire urwangara; mukovye mu mitima gukorera Umwami wacu.


Kuko ndi kumwe nawe, ni jewe Uhoraho mbivuze, kugira ngo ngukize; kuko nzoherengeteza amahanga yose, ayo nagushwiragirijemwo: ariko weho sinzoguherengeteza; mugabo nzogubana ibigeze, sinzokureka ntaguhannye.


Imwe ihana ayandi mahanga, yobura guhana, Kand’ ari yo yigisha abantu ubgenge?


Uhoraho we, ntumpanane uburake, Canke ng’ unkubitane ishavu.


Ut’ Azomubera se, na we amubere umwana; uti Na ho ni yacumura, azomuhanisha inkoni nk’iyo abantu bahanisha, amuhe imiramu nk’iy’ abana b’abantu;


twiyumvirwa nk’abatamenyekana, ariko turi ba rurangiranwa; tuboneka nk’abagira bapfe, ariko rāba, turi bazima; tuboneka nk’abahanwa, ariko ntitwicwa;


Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngw Ishaka ry’inzu yawe rizondya.


Har’ igihano gihambaye ku muntu ata inzira, Kand’ uwanka guhanwa azopfa.


Mugabo, ni vyiza kugirira ivyiza ishaka ibihe vyose, atar’ igihe turi kumwe gusa,


Ntiwumviye ijwi riwubarira, ntiwemeye guhanūrwa, ntiwizigiye Uhoraho, ntiwiyegereje Imana yawo.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


Buno za nkumi zose zirazanzamuka, zitunganya amatara yazo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite