Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

18 Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:18
34 Referans Kwoze  

(Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.)


kugira ngo kuramura kw’ukwizera kwanyu (kand’ ukwo kwizera kurusha igiciro izahabu ishira, nah’ ivugutirwa mu muriro ikaramura) kuze kuboneke kuri n’ishimwe n’ubgiza n’icubahiro mu guhishurwa kwa Yesu Kristo.


Yemwe abafise inyota, ni muze ku mazi, kandi n’ūdafise amahera na we n’aze; ni muze mugure, murye: ni mugure vino n’amata, mudatanze amahera cank’ ibiguzi.


Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.


Kand’ azovyagira nk’ uwicaye avugutira ifeza akayimaramw’ inkamba: kand’ abahungu ba Lewi azobamaramw’ inkamba, abatunganye nk’uko batunganya izahabu n’ifeza; maze bazoshikanira Uhoraho amashikanwa mu bugororotsi.


Umwe muri ba bakuru arambaza, at’ Aba bambaye imvune zera ni ba nde, kandi bavuye hehe?


Ubgami bgo mw ijuru busa n’izahabu zanyegejwe mw itongo. Umuntu yazubutseko, arazihisha, aragenda, umunezero umutera gushōra ivy’ afise vyose, agura iryo tongo.


Kandi benshi bo mu bazoba basinziriye mw ivu hasi bazokwikangura, bamwe bikangurire ubugingo budashira, abandi bikangurire ubumāramāre n’ibitētērwa bitazoshira.


Nzokwigisha nkwereke inzira ucamwo, Nzokugīra inama, ijisho ryanje rizokugumako.


Ni mwumve, bene Data nkunda. Mbeg’ Imana ntiyatoranirije aboro b’ivy’ isi kuba abatunzi mu kwizera, no kuragwa ubgami yasezeraniye abayikunda?


Enda vayo wambaye ubusa utēterewe, wewe uba i Shafiri; ūba i Zanani ntaruha asokoroka; i Beti‐Ezeli hazorandurwa, hakūrwe ku matanguriro yaho.


Uzondōngōza inama ungīriye, Kandi hanyuma uz’ unyakīrane icubahiro.


Kuk’ uvuga, uti Nd’ umukire ndatunze kandi nta co nkennye; ntumenye yukw ari wewe mutindi, wafutanye, ur’ umworo, ur’ impumyi, ugenda amēnya;


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.


Ubgambure bgawe buzotwikururwa, mber’ ibiteye isoni vyawe bizoboneka; nzokwīhōra, kandi sinzogira akagongwe,


Gura ukuri, ntugushōre; Bo n’ubgenge n’indero nziza n’ubukerebutsi.


namba tuyambaye tutazosangwa twambaye ubusa.


Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’ umutunzi mu vy’Imana.


Ehe nzohigūra nawe, ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize; nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, nereke amahanga ubgambure bgawe, n’ibihugu ndavyereke ibiteye isoni vyawe,


Arikw abanyabgenge barabishura, bati Kumbure ntiyodukwira twese: ivyiza ni muje ku badandaza mwigurire.


Nuko rero nanje nzogukūrakw impuzu, mfate ku musozo ndenze ku mutwe wawe, ubgambure bgawe buboneke.


Ndakugīriye inama: witondere icagezwe c’umwami, nk’uko wabirahiye Imana.


Wumvire inama, wemere kwigishwa, Kugira ng’ ube umunyabgenge mu bihe vyo hanyuma.


Bakanka inama zanje, Bagakēngēra ukwihanikiriza kwanje kwose;


Mukagaya inama zanje zose, Mukanka kwihanikiriza kwanje:


Kuko bāgararije amajambo y’Imana, Bagakēngēra imigabo y’Īsumba vyose.


Ndahimbaza Uhoraho, umujanama wanje; Ni koko, umushaha wanje umpanūra mu bihe vy’ ijoro.


kandi bakore iciza, babe abatunzi ku bikorwa vyiza, babe abanyabuntu bakunda gutanga,


Iyo ntebe yar’ ikikijwe n’izindi ntebe mirongwibiri na zine: kur’ izo ntebe mbona abakuru mirongwibiri na bane bazicayeko, bambaye impuzu zera, no mu mitwe yabo har’ ibitsibo vy’izahabu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite