Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 3:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, aravuga ati.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 3:14
22 Referans Kwoze  

Ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose:


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


Ni we mutwe w’umubiri, ni wo shengero: kandi ni we tanguriro, ni we mfura mu kuva mu bapfuye, kugira ngw abe agaheta muri vyose.


Ivy’ Imana yasezeranye uko bingana, muri we ni ho Ego me riri: ni co gituma ari we adutera kuvuga ngo Amen, ngw Imana ishimishwe natwe.


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya, ut’ Uwera, uw’ ukuri, ūfise urupfunguzo rwa Dawidi, uwugurura ntihagire uwugara, kand’ uwugara ntihagire uwugurura, aravuga ibi,


Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.


Mbona ijuru ryuguruye, kandi mbona ifarasi y’igitare, ūyivyagiyeko yitwa Mwizigirwa, irindi ni Munyakuri. Aca amateka akarwana intambara mu bugororotsi.


Bishura Yeremiya, bat’ Uhoraho n’atubere icabona c’ ukuri c’ukwizigirwa, ni tutākora nk’ukw ijambo ryose rimeze, iryo Uhoraho Imana yawe azokudutumako.


Nuk’ uwo mu gihugu yisabīra umugisha n’awusabe Imana y’ukuri, kand’ uwo mu gihugu arahira, n’arahire Imana y’ukuri; kukw amagorwa ya mbere yibagiranye, agahishwa inyonga zanje.


Uhoraho yaranyamanye mw itanguriro ry’inzira ziwe, Ataratangura na kimwe mu bikorwa vyiwe vya kera.


Arambarira, at’ Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ ukuri, kand’ Umwami, ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Andikira umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso, ut’ Ūfashe inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo, akagendera hagati y’ibiterekwakw amatara indwi vy’izahabu, aravuga ibi,


Kand’ iki cete ni mwaheza kugisomerwa, muze mwitwaririke ko gisomerwa ishengero ry’i Lawodikiya; kandi namwe muze musome ikizova i Lawodikiya nyene.


Ndagomba ko mumenya ukuntu mbarwanira intambara, mwe n’ab’i Lawodikiya n’abatarankubita ijisho bose uko bangana,


Rāba, ndamutanze ngw abe icabona co gushingira intahe amahanga, ngw abe n’umukuru na segaba w’amahanga.


Reyubeni, ur’ imfura yanje, n’inkomezi zanje, n’ubuzibūra bganje: War’ akarenzo mu cubahiro, war’ akarenzo mu bubasha;


Arikw akwiye kwerekana umwana w’ intabga kw ari we mfura, avyerekanishe kumuha imigabane ibiri y’ivy’ atunze vyose: kukw ari we buzibūra bgiwe; ibigerewe imfura n’ivyiwe.


Icabona cizigirwa ntikibesha, Arikw icabona c’ibinyoma kivuga ibinyoma.


vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.


Yesu arabishura, ati Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje n’iy’ ukuri, kuko nzi iyo navuye, n’iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye cank’ iyo nja.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite