Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 “Ehe ndaza vuba! Hahirwa abumvira amajambo y’ubuvugishwa yanditse muri uwu muzingo w’igitabu.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:7
12 Referans Kwoze  

Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


(Ehe ndaza nk’igisuma. Hahirwa ūba maso, akazigama impuzu ziwe, ngo ntagende amēnya, bakabona isoni z’ubgambure bgiwe.)


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe mur’ iki gitabo.


Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.


Ubuntu bg’Umwami Yesu bubane n’abera. Amen.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite