Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 bazorāba mu nyonga hayo, izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Bazobona mu nyonga hayo, kandi izina ryayo rizokwandikwa mu ruhanga rwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:4
18 Referans Kwoze  

Kandi mbona Umwagazi w’Intama, ahagaze ku musozi Siyoni, ahagararanye n’abantu ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bafise izina ryiwe n’izina rya Se yanditswe mu ruhanga rwabo.


Hahirwa abafise imitima itanduye, kukw ari bo bazobona Imana.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Asenga Imana, na yo ikamuhāngaza, Bituma arāba mu nyonga hayo anezerewe: Kand’ ikagarukanira umuntu ukugororoka kwiwe.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


ati Ntimugire ico mugira isi cank’ ikiyaga cank’ ibiti, tutaradoma ikimenyetso mu ruhanga rw’abagurano b’Imana yacu.


Kuk’ ubu turābira mu cirore ivyijiji, arikw ico gihe tuzorāba nk’abarābana imbonankubone. Ubu nzi agace, arikw ico gihe nzomenya rwose nk’uko namenywe rwose.


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Ni hagira ūnkorera, n’ankurikire, kand’ aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba: ni hagira ūnkorera, Data azomuha icubahiro.


Amaso yawe azokwitegereza umwami afise ubgiza bgiwe: azorāba igihugu kigera kure.


Jeho nzorāba mu nyonga hawe ngororoka, Nikanguye nzonyurwa n’ ishusho yawe.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buzohishurwa, kand’ abafise umubiri bose bazobubonera rimwe, kukw akanwa k’Uhoraho ari ko kabivuze.


Hariho benshi babaza, bati Ni nde azogira iciza atwereka? Uhoraho, utwakishirize umuco wo mu nyonga hawe.


Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo; buzohabga ubgiza bg’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Karumeli n’i Sharoni: bazobona ubgiza bg’Uhoraho, ugushaza kw’ Imana yacu.


Maz’ ijambo ry’Uhoraho rinzako,


Umutima wanje ugirira Imana inyota, Imana nzima: Nzoza ryari ngo nseruke mu nyonga z’Imana?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite