Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Uwushingira intahe ibi aravuga ati: “Egome, ndaza vuba.” Amen. Kaze Mwami Yesu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:20
15 Referans Kwoze  

Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.


Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Ibisigaye, mbīkiwe igitsibo c’ukugororoka, ico Umwami wacu, umucamanza agororotse, azompa kuri wa musi, kandi si jewe jenyene nzogihabga, ariko kandi n’abakunze kuzoseruka kwiwe bose bazogihabga.


Ni hagira umuntu adakunda Umwami wacu, arakavumwa. Maran ata.


Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.


Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.


yashingiye intahe ivyo yabonye vyose, ni vyo jambo ry’Imana, no gushinga intahe kwa Yesu Kristo.


Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe mur’ iki gitabo.


Ariko hariho n’ibindi vyinshi Yesu yakoze, vyokwandikwa bidondowe kimwe‐kimwe, ngira ngo n’isi na yo ntiyokwirwamw’ ibitabo vyokwanditswe.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


N’unyaruke, mukunzi wanje, Umere nk’ingeregere canke nk’umukangara w’impongo, Wo ku misozi ibakw imibavu.


Kuko hasigaye igihe gito cane, Kand’ ūgira aze, azoza, ntazoteba.


Nuko rero ni wihane: n’utihana nzoza kuri wewe vuba, kand’ abo nzobarwanya, mbakubite inkota yo mu kanwa kanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite