Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

2 rukamanuka ruca hagati muri rya barabara rinini ryo mu gisagara. Ku mpande zompi z’urwo ruzi hari igiti c’ubugingo, cama cumi na kabiri mu mwaka, kikama uko ukwezi gutashe. Kandi amababi yaco ni umuti wo gukiza amahanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:2
20 Referans Kwoze  

Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga, ameza n’igiti c’ubugingo hagati mur’ iryo tongo, ameza n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Bubera igiti c’ubugingo ababucakira: Hahirwa umuntu wese abgumirako.


Kandi ni hagira umuntu akūra ku majambo y’igitabo c’ibi vyavugishijwe na yo, Imana izomukūra ku mugabane wa ca giti c’ubugingo no ku wa wa murwa wera, vyanditswe mur’ iki gitabo.


Kand’ amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo kw isi bazozanay’ ubgiza bgabo.


Kand’ ibirimba, ukw ar’ icumi na bibiri, vyar’ imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’ izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana.


ngo Mpwemu w’Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbgire aboro ubutumwa bgiza: Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N’impumyi ko zihumūka, No kubohora abanywagutse imitima,


Ariko mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore.


Nukw angarukana ku muryango w’ingoro; ngize ntya, mbona har’ amazi yiburuka ava musi y’urwinjiriro rw’irebe ry’ingoro, atembera i burasirazuba, kukw ingoro yari yerekeye i burasirazuba nyene; nukw ayo mazi yatemba, ava i buryo bg’ ingoro, aca i ruhande y’igicaniro, ahahera i bumanuko.


Akiza abafise imitima imenetse, Apfuka inguma zabo.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Mvūra, Uhoraho we, nanje ndakira; undokore, nanje ndarokoka: kukw ari wewe shimwe ryanje.


Wame ukomantaza umutima w’ubgo bgoko, uhindure amatwi yabo bihurugutwi, uhume amaso yabo; kugira ngo ntibarābīshe amaso, ntibumvishe amatwi, ntibatahurishe imitima, ngo bahindukire bakire.


Kandi kur’ uwo musi amazi y’ubugingo azova i Yerusalemu; amazi amwe azotembera mu kiyaga c’i burasirazuba, ayandi mu kiyaga c’i burengerazuba. Bizoba birtyo mu ci no mu mvura.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite