Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Mpwemu w’Imana n’umugeni baravuga bati: “Kaze.” N’uwumvise aya majambo wese avuge ati: “Kaze.” Uwunyotewe wese naze, kandi uwushaka wese naze anywe ku mazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:17
29 Referans Kwoze  

arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.


Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


Ni mwumvirizeko, mumenye yuk’ Uhoraho aryoshe: Hahirwa ūmuhungirako.


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy’iherezo, avugana nanje arambgira, ati Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi.


Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Amoko menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, ku ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Bazobaza ivy’ i Siyoni bahērekeje amaso, bat’ Enda ni muze mwifatanye n’Uhoraho musezerane isezerano ritazoshira ritazokwibagirana.


Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’ Imana yatugabiye.


Amahanga menshi azojayo, abarirane, ati Ni muze tudūge, tuje ku murwa w’Uhoraho, mk ngoro y’Imana ya Yakobo, kugira ngw itwigishe ivy’ inzira zayo, natwe tuzigenderemwo; kukw i Siyoni ari ho hazova ivyagezwe, n’i Yerusalemu hakava ijambo ry’Uhoraho.


ati Ni muze murābe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose: namb’ ari we Kristo?


Nukw angarukana ku muryango w’ingoro; ngize ntya, mbona har’ amazi yiburuka ava musi y’urwinjiriro rw’irebe ry’ingoro, atembera i burasirazuba, kukw ingoro yari yerekeye i burasirazuba nyene; nukw ayo mazi yatemba, ava i buryo bg’ ingoro, aca i ruhande y’igicaniro, ahahera i bumanuko.


Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Abo bigishwa babiri bumvise ukw avuga, bakurikira Yesu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite