Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ni jewe Yesu, narungitse umumarayika wanje ngo aguhe ubu butumwa ubushire amashengero. Nkomoka mu muryango wa Dawidi na samuragwa w’ingoma yiwe, nkaba n’Inyenyeri yakaka yo mu mutwenzi.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:16
30 Referans Kwoze  

Umwe muri ba bakuru arambarira, ati Nta co urira; eh’ Intambge yo mu muryango wa Yuda, Umunago wo ku gishitsi ca Dawidi, yaranesheje, ngw azingurure igitabo, amene ibikimatanije ndwi.


Ariko turafise ijambo ryavugishijwe, ryarakomejwe kurushiriza. Mugira neza ko murishirak’ umutima, ni nk’itara ryākira ahacuze umwiza, rigakesha ijoro, rikageza ah’ ikinyenyeri co mu gaturuturu kizobandurira mu mitima yanyu:


Ku gishitsi ca Isayi hazobaduka agashami, kand’ umunago wanaze mu mizi yiwe uzokwama.


Jewe Yohana ndabandikiye mwebge abo mu mashengero ndwi yo muri Asiya. Ubuntu bube muri mwebge n’amahoro biva kur’ Iyo, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, biva no ku Mpwemu ndwi zir’ imbere y’intebe yayo,


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


at’ Ivya Kristo muvyiyumvira mute? Ni mwene nde? Baramwishura, bati Ni mwene Dawidi.


Arambarira, at’ Ayo majambo n’ayo kwizerwa n’ay’ ukuri, kand’ Umwami, ni yo Mana igera impwemu z’abavugishwa na yo, yatumye umumarayika wiwe kwereka abagurano biwe ibigira bibeho vuba.


Uguhishura kwa Yesu Kristo, ukwo yahawe n’Imana ngo yereke abagurano biwe ibigira bibeho vuba, agatuma umumarayika wiwe akabimenyesha umugurano wiwe Yohana,


barabaza, bat’ Umwami w’Abayuda yavutse ari hehe? Kuko twābonye inyenyeri yiwe, tur’ i burasirazuba, none tukaba tuzanywe no kumushengerera.


umubarire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Eh’ umuntu yitwa Shami, azoshamika ahantu hiwe, kand’ azokwubaka urusengero rw’Uhoraho.


Ati Ndamubona, ariko s’ubu nyene; Ndamwitegereza, ariko ntari hafi. Inyenyeri izokomōka muri Yakobo, Icumu ry’ubugabe rizosokoroka muri Isirayeli, Ritobekeranye aba Mowabu mu mvuridahita, Rimene umutwe aba Sheti bose.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


Ūri n’ugutwi, ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero.


bafise ba sogokuruza ba bandi, kandi ku mubiri Kristo yamutse kuri bo, ni we ari hejuru ya vyose, ni we Mana ikwiye gushimwa ibihe bidashira. Amen.


Ūgabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure; ūgororotse n’ashishikare agororoke; uwera n’ashishikare yezwe.


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Kubg’ umutima w’imbabazi w’Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw ijuru,


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


None Dawidi ko yamwise Umwami, yoshobora ate kuba umwana wiwe?


Igitabo kidondora ukuvuka kwa Yesu Kristo, umwana wa Dawidi, Dawidi wa Aburahamu.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ewe kuntu ukorotse uvuye kw ijuru, wa nyenyeri yo mu rubungubungu we, wa mwana w’umutwenzi! Ewe ingen’ uciwe ugashika hasi, wewe watsinda amahanga!


Kandi Yesaya na we yaravuze, ati Hazobah’ igishitsi ca Isayi, Ni we azohaguruka kuganza amahanga, Ni we abanyamahanga bazokwizigira.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Dawidi ko yamwise Umwami, non’ ashobora ate kuba umwana wiwe?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite