Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Inyuma y’igisagara hazoba hari imbwa, abapfumu, abasambanyi, abicanyi, abasenga ibigirwamana hamwe n’abakunda kubesha bakanabikora.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:15
29 Referans Kwoze  

Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Mwirinde za mbga, mwirinde za nkozi z’ibibi, mwirinde bamwe bīkebagura.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


ivyo ni vyo bizanira uburake bg’Imana abantu b’intabarirwa.


Kand’ ukumurika kw’itara ntikugisubira kubonesha muri wewe ukundi, kand’ ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni ntirigisubira kwumvikana muri wewe ukundi. Abadandaza bawe bār’ abahambaye bo kw isi, kukw amahanga yose yahendahenzwe n’uburozi bgawe.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Arikw icatuma bamushirak’ umutima n’uk’ uhereye kera yabūmiza n’amarēba yiwe.


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Ni mwīgire hino, mwa bana b’umurozikazi, mwa ruvyaro rw’ umusambanyi n’umusambanyikazi.


arikw abana b’ubgo bgami bazohindirwa hanze mu mwiza, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Nuko hagararana amahezayo yawe, n’ivy’ ubupfumu bgawe uko bingana, ivyo wakobereje uhereye mu buto bgawe: namba kumbure vyogira ico bikumarira, namba kumbure vyogushoboza.


Arikw ivyo vyompi bizokugwako umusi umwe, kubura abana no gupfakara: bizogushikako uko vyakabaye, nah’ ubupfumu bgawe bgoba bginshi bute, n’ amahezayo yawe akaba isinzi.


Umwami w’Abisirayeli yishura Yehoshafati, ati Haracasigaye umuntu umwe twoshobora kubaza, akadusiguriza Uhoraho; yitwa Mikaya mwene Imula; ariko ndamwanka, kukw ata ho avugishwa ivyiza kuri jewe, atar’ ivyago. Yehoshafati aramubarira, ati Sigaho mugenzi, nta co uvuga urtyo!


Ni nde muri mwebge yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, n’iki gituma mutanyemera?


Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ ibihērewe umugabo yendwa, ngw abishikishe isezerano iry’ ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.


Inzu yiwe n’inzira ija i kuzimu, Imanuka irora i wabo w’urupfu.


Iminwa y’ibinyoma n’igisesema k’Uhoraho, Arikw abakora ivy’ ukuri ni bo bamuhimbara.


Ivyera vy’Imana ntimukabihe imbga, kand’ imaragarita zanyu ntimuziterere ingurube, kugira ngo ntizizihonyange n’inzāra zazo, maze zikabahindukirira, zikabatabagura.


abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite