Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Hahirwa abamesura amakanzu yabo, kuko bazohabwa uburenganzira bwo kurya ku giti c’ubugingo no kwinjira mw’irembo rya ca gisagara.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:14
31 Referans Kwoze  

Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


Kuk’ ugukunda Imana ar’ uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ ivyagezwe vyayo ntibigora.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Kand’ umuntu wese amuzigakw ivyo, ariyeza, nk’uk’ uwo ar’ uwera.


Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Gukebga nta co kumaze, no kudakebga nta co kumaze, arikw ikigira ico kimaze n’ukwitondera ivyagezwe n’Imana.


Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.


Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.


Haleluya! Hahirwa uwubaha Uhoraho, Agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Kuko muri Kristo Yesu, ar’ ugukebga, ar’ ukudakebga, bitagira ikimazi; ikigira ikimazi n’ukwizera gukoreshwa n’urukundo.


uzigujwe n’urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba harih’ abamarayika cumi na babiri, kandi hār’ amazina yanditsweko, ni yo y’imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa?


Mwiyubare, kugira ng’ ubgo bushobozi bganyu bgoye kuba igitsitaza c’abadakomeye na gato.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


Mbeg’ uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubgiwe n’abana biwe, n’amasho yiwe?


Hahirwa uzorīndīra, agashitsa ku misi igihumbi n’amajana atatu na mirongwitatu n’itanu.


Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga, ameza n’igiti c’ubugingo hagati mur’ iryo tongo, ameza n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.


Uhoraho Imana aravuga, at’ Eh’ uyo muntu ahindutse nk’imwe muri twebge, ku vyo kumenya iciza n’ikibi: none rero yohava atuma ukuboko, akamura no ku giti c’ubugingo, akarya, akazokwamah’ ibihe bidashira.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Ngiki ca kirimba c’Uhoraho, Abagororotsi ni bo bazogicamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite