Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ehe ndaza vuba, nzanye ingero, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 “Ehe ndaza vuba, nzaniye impera umuntu wese ikwiranye n’ivyo yakoze.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:12
19 Referans Kwoze  

Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Rāba, Uhoraho yabariye abo ku mpera y’isi, ati Ni mubgire umukobga w’i Siyoni, muti Rāba, agakiza kawe karaje; rāba, araje azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’imbere yiwe.


Eh’ Uhoraho Imana azoza afise ubushobozi, kand’ ukuboko kwiwe kuzomutwarira: rāba, azoza azanye impēra, kand’ inyishu yiwe ir’ imbere yiwe.


Igikorwa c’umuntu, ico yubatse kur’ iryo tanguriro, ni carama, azohabga ingero;


Ūzitera n’ūzivomera ni bamwe: arik’ umuntu wese azogererwa nk’uko yakoze igikorwa ciwe.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Nuko rero, umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.


Kand’ amahanga araraka, uburake bgawe buraza, igihe co guciramw’ amateka abapfuye kirashika, n’ico kugereramw’ abasavyi bawe, ni bo bavugishwa nawe, no kugerera abera n’abubaha izina ryawe, aboroshe n’abahambaye, n’ico guhonerezamw’ abahonnya isi.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


Umusi uhambaye w’Uhoraho uri hafi; uri hafi kand’ urihuta; umusi w’Uhoraho, guhinda kwawo kurumvikana; umuhizi araborogana intuntu.


Kuk’ umuntu izomusubiriza mu nkōko ibihwanye n’ igikorwa ciwe, Izotuma umuntu wese abona ibihwanye n’ingeso ziwe.


Ubahe ibikwiranye n’ivyo bākoze, ibikwiranye n’ivyo bāgabitanije, Ubahe ibikwiranye n’ibikorwa vy’amaboko yabo: Ubasubirize mu nkōko nk’ uko bibakwiye.


Ni jewe Uhoraho nsesa umutima, nkagerageza umushaha, kugira ngo ngerere umuntu wese ibikwiranye n’ingeso ziwe, n’ibikwiranye n’ivy’ ibikorwa vyiwe vyeze.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite