Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 22:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ arambarira, ati Ntumatanishe ishashara n’ikimenyetso amajambo avugishijwe n’Imana yo mur’ iki gitabo; kukw igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Yongera ambarira ati: “Aya majambo y’ubuvugishwa ntuyanyegeze kuko igihe kiri hafi.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 22:10
21 Referans Kwoze  

Kand’ ivyerekanywe vy’ubgira bugaca vy’iyo misi vyavuzwe, n’ivy’ ukuri; arik’ ugumize ivyo weretswe muri ntibate, kukw ar’ ibizoba hahise igihe kirekire.


Hahirwa ūsoma, hahirwa n’abumva amajambo y’uku kuvugishwa n’Imana, bakitondera ivyanditswe muri yo: kukw igihe kiri hafi.


Arik’ umuhero wa vyose uri hafi: nuko ntimuhugumbe, mwirinde, kugira ngo mubone uko mushishikara gusenga.


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Ico mbabaririra mu mwiza muze mukivugire mu muco, kand’ ico mwongorewe mu gutwi muze mukivugire ku mazu hejuru.


Aranyishura, at’ Igīre, Daniyeli; kukw ayo majambo ar’ akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo.


Nuko rero wewe Daniyeli, gumiza ayo majambo muri ntibate, umatanishe ishashara igitabo cavyo udomemw’ ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo; ni ho benshi bazoserangura muri co, kand’ ubgenge buzogwira.


None rer’ ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nzotuma uwo mugani uzimangana, ntibongere kuwuca mu Bisirayeli nk’umugani; arik’ ubabgire, ut’ Imisi irēgereje, n’ivyerekanywe vyose bigira bishike.


Ijoro rirakuze, bugira buce. Nuko twiyambure ibikorwa vy’umwiza, twambare ibirwanishwa vy’umuco.


Jewe Yesu ntumye umumarayika wanje gushingira intahe mwebge ivyo, kubg’ amashengero. Ni jewe munago wo ku gishitsi ca Dawidi, nd’ umwuzukuruza wiwe, kandi nd’ ikinyenyeri gica ibibatsi co mu gaturuturu.


Mbona igitabo mu kuboko kw’i buryo kw’Īvyagiye kuri ya ntebe, canditse imbere n’inyuma, kidombagijek’ udushashara ndwi, tukimatanije tudomyemw’ ikimenyetso.


Ntihakagire umuntu abahenda mu buryo na bumwe, kuk’ utazoza, kwa kureka Imana kutabanje kuboneka, kandi wa muntu w’umugarariji atarahishurwa, ni we mwana wo kuranduka,


Ni muboroge, kuk’ umusi w’Uhoraho uri hafi; uzoza ar’ umusi wo guhonnya uvuye kw Īshobora vyose.


Andika ivyo washingiye intahe, ubimatanishe ishashara, ubihe abigishwa banje babishirek’ umutima.


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


Nuko mwame mugenza murtyo, kuko muzi imisi, yukw igihe gishitse co kwikangura. Non’ agakiza kacu karatwēgereye, kurusha igihe twizereye.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So, abavugishwa n’Imana, n’uw’ abitondera amajambo y’iki gitabo. Imana ba ari yo usenga.


Uwumva wese amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo ndabishingira intahe kuri we, nti Ni hagira umuntu azokwungurira kuri yo, Imana izomwunguka ivyago vyanditswe mur’ iki gitabo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite