Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 Ariko abahemuka, abatizera, abakora ibiterasoni, abicanyi, abasambanyi, abapfumu, abasenga ibigirwamana n’ababeshi bose, ikibanza cabo ni ikiyaga caka umuriro, ari rwo rupfu rwa kabiri.”

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:8
39 Referans Kwoze  

Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.


Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi azoranduka.


Uwanka mwene Data wundi n’umwicanyi; kandi murazi yukw ata mwicanyi yogira ubugingo budashira ngo bugume muri we.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.


bavugisha uburyarya bg’abanyabinyoma, bokejwe icapa mu mitima yabo ibāgiriza ikibi,


Arababaza, ati N’iki kibateye ubgoba, mwa bafise ukwizera guke mwe? Bun’ aravyuka azibiza ingunza n’ikiyaga, haba agahwekere rwose.


kandi ntibihana ngo bareke ubgicanyi bgabo, cank’ uburozi cank’ ubushakanyi cank’ ubusuma.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Ntimuze mutinye abica umubiri, badashobora kwica ubugingo: cane‐cane mutinye ūshobora guhonereza ubugingo n’umubirimuri Gehinomu.


Icabona c’ibinyoma ntikizobura guhanwa, Kand’ ūvuga ivy’ ubuhūmvyi ntazokira.


Abo bakuru bongere babaze abantu, bati Ni nde ari hano atinye, arandutse umutima? N’agende asubire i muhira, imitima ya bagenzi be ntihave isha cōba nk’uwiwe.


Umubeshi ni nde, atar’ ūhakana ko Yesu ari Kristo? Ni we Antikristo, ahakana Data wa twese n’Umwana.


Umugabo mukuru w’icubahiro ni we mutwe, kandi kamenyi yigisha ibinyoma ni we murizo.


Uwizera Umwana w’Imana ni we afise iyo ntahe muri we; ūtizera Imana aba ayigize umubeshi, kukw atemeye intahe Imana yashingiye Umwana wayo.


Mbeg’ uwo watinya ukamugirira ubgoba ni nde, bigatuma ubesha, ntunyibuke, ng’ ubishirek’ umutima? Mbega simmaze igihe kinini ncereje, si co catumye utanyubaha?


None genda ubitāngāze, abantu bavyumve, ut’ Umuntu wese afise akōba atinya, n’atahe, ave kur’ uyu musozi Gileyadi. Nuko hataha abantu ibihumbi mirongwibiri na bibiri, hasigara ibihumbi cumi.


ngo Ndazi i bikorwa vyawe n’ubutame bgawe n’ukwihangana, kandi yuk’ udashobora kwirengagiza ababi, ariko wagenzuye abiyita intumwa kand’ atari zo, usanga n’abanyabinyoma.


Ni jewe, ni jewe nyene mbahūmuriza; uri nde utinya umuntu, kand’ azopfa; n’umwana w’ umuntu, kand’ azohinduka nk’ivyatsi?


Ukuza kw’uwo mugarariji kuri mu buryo bg’inkomezi za Satani, kuri n’ubushobozi bgose n’ibimenyetso n’ibitangaza vy’ibinyoma,


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Bavuga yuko bazi Imana, ariko bayihakanisha ivyo bakora; n’abo kwankwa urunuka, n’abatumvira Imana, no mu bikorwa vyiza vyose nta co bamaze.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.


ndatinya, ndagenda mpisha italanto yawe mu kuzimu: ehe ngibi ivyawe.


ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite