Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Uwuzonesha azotorana ibi vyose kandi nzomubera Imana, na we azombera umwana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:7
26 Referans Kwoze  

Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.


Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Maz’ Umwami azobgira abar’ i buryo bgiwe, ati Ni muze, abo Data yahezagiye, muragwe ubgami mwateguriwe, uhereye ku kuremwa kw’isi.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Umuntu wese yasize urugo canke bene nyina canke bashiki be canke se canke nyina cank’ abana cank’ itongo kubg’ izina ryanje, azobishumbushwa umurengera, kand’ azoragwa ubugingo budashira.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.


Abanyabgenge bazoragwa icubahiro, Arikw isoni ni zo zizoba umugabane w’ibipfu.


Ni we akūra umugorwa mu mukungugu, Agashira hejuru umukene, amukūye mu mwavu, Kugira ngw abicarikane n’ abahambaye, Baragwe intebe z’icubahiro: Kukw inkingi z’isi ar’ iz’ Uhoraho, Kandi ni zo yayiteretseko.


ntimugere ikibi ku kindi, cank’ igitutsi ku kindi; ariko mubigerāne n’umuhezagiro, kukw ico ari co mwahamagariwe, kugira ngo namwe muragwe umugisha.


ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.


Agisohoka ngw akomeze urugendo, haza umuntu kuri we yirukanga, aramupfukamira, aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


Nzokwironkera uruvyaro muri Yakobo, n’ūzoragwa imisozi yanje muri Yuda; abo nitoranirije bazoharagwa, n’abasavyi banje bazohaba.


Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.


Ut’ Azomubera se, na we amubere umwana; uti Na ho ni yacumura, azomuhanisha inkoni nk’iyo abantu bahanisha, amuhe imiramu nk’iy’ abana b’abantu;


Azontakambira, ati Ni wewe Data, Imana yanje, igitandara c’ agakiza kanje.


Shebuja aramubgira, ati Wagize neza, muntu wanje mwiza wo kwizigirwa, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi. Injira mu munezero wa shobuja.


Abarōngōrwa na Mpwemu w’Imana bose ni bo bana b’Imana.


Kukw ivyaremwe vyiteze uguhishurwa kw’abana b’Imana biguhahamiye cane.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite