Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Kand’ irambarira, iti Karabaye. Ndi Alufa na Omega, itanguriro n’iherezo. Ūfise inyota nzomuha kunywa kw isōko y’amazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Yongera ambwira ati: “Birarangiye. Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo. Uwunyotewe nzomuha kunywa ku mbizi z’amazi y’ubugingo ku buntu.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:6
26 Referans Kwoze  

Yesu aramwishura, at’ Iy’ uba war’ uzi ingabire y’Imana, ukamenya n’ūgusavye ngo Mpa utwo kunywa uw’ ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y’ubugingo.


kuko wa Mwagazi ari hagati ahahanganye n’iyo ntebe, azobaragira, kand’ azobashōra ku masōko y’amazi y’ubugingo; kand’ Imana izohanagura amosozi yose ku maso yabo.


arik’ ūnywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, arikw amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y’amazi yiburuka azana ubugingo budashira.


Kukw ah’ uri ari ho har’ isōko y’ubugingo: Mu muco wawe ni ho tuzobonera umuco.


Ītimanye Umwana wayo, ikamutanga kubgacu twese, izobura ite kutugabirira vyose kuri we?


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


Jewe ndi Alufa na Omega, ni k’Umwami Imana igize, iriho, kandi yamyeho, kand’ igira ize, ni yo ishobora vyose.


batsindanishirizwa n’ubuntu bgayo, ibibahereye ubusa, kubgo gucungurwa kubonerwa muri Kristo Yesu:


Ndi Alufa na Omega, uwa mbere n’uwa nyuma, itanguriro n’iherezo.


Uw’ indwi asuka urwavya rwiwe mu kirere. Ijwi rirenga riva mu rusengero kuri ya ntebe, rivuga, riti Karabaye.


Ni co gituma muzovomana umunezero mu mariba y’agakiza.


Ndamubonye, nikubita imbere y’inyundo ziwe nk’ūpfuye; maz’ anshirak’ ukuboko kw’i buryo, ati Ntutinye; jewe nd’ uwa mbere kandi nd’ uw’ iherezo,


Ariko tweho ntitwāhawe impwemu y’iyi si, ariko twāhawe Mpwemu ava ku Mana, kugira ngo tumenye ivy’ Imana yatugabiye.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


arahira Ībaho ibihe bitazoshira, yaremye ijuru n’ibirimwo, n’isi n’ibirimwo, n’ikiyaga n’ibirimwo, ati Ntibigitevye:


Maze kur’ uwo musi, imisozi izojējēta vino ziryoshe, n’uturambi dutembe amata, kand’ imigezi yose y’i Buyuda izosendanisha amazi; kand’ isōko izotoboka iva mu ngoro y’Uhoraho, inyoshe ikiyaya c’i Shitimu.


Nzoharira ugusubira inyuma kwabo, nzobakunda urukundo rutagira akagero: kuk’ uburake bganje busubiye inyuma bubavuyeko.


Arikw iryo tanguriro, umuntu ni yaryubakishakw izahabu, cank’ ifeza, cank’ amabuye y’igiciro kinini, cank’ ibiti, cank’ ubgatsi, cank’ ibishakashaka,


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


Nuko ntihakagire umuntu yirata abantu. Kuko vyose ar’ ivyanyu:


None Apolo n’iki? Kandi Paulo n’iki? Mbega s’abakozi batumye mwizera Imana, nk’ukw Imana yahaye umuntu wese?


Wa mugore aramwishura, ati Mugenzi, kw ata co kuvomesha ufise, kand’ iriba rikaba ari rirerire, non’ ayo mazi y’ubugingo uyakūra hehe?


Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya, ut’ Uwiyita Amen, icabona co kwizigirwa kandi c’ukuri, inkomoko y’ivyaremwe n’Imana, aravuga ibi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite