Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Numva ijwi rirenga, rivuye kuri ya ntebe, rit’ Eh’ ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’ izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’ Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nca numva ijwi rirenga rivuye kuri ya ntebe y’inganji, rivuga riti: “Ehe raba inzu y’Imana iri mu bantu, kandi izobana na bo. Bazoba abantu bayo, kandi Imana ubwayo izobana na bo, ibe Imana yabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:3
29 Referans Kwoze  

Ihema ryanje na ryo rizoba kumwe na bo; nanje nzoba Imana yabo, na bo bazoba abantu banje.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.


nzobazana basagaze hagati muri Yerusalemu; bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo mu kuri no mu bugororotsi.


Kukw iri ari ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli Hanyuma y’iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze: Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bgenge bgabo, No ku mitima yabo kandi ni ho nzovyandika, Nanje nzobabera Imana, Na bo bazoba abantu banje.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Ariko noneho barifuza igihugu kirushije ico kuba ciza, n’ico mw ijuru. Ni co gituma Imana itamāramāzwa no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.


Kand’ ico gice ca gatatu nzobacisha mu muriro wo mu ruganda, mbakūremw’ inkamba nk’uko bazikūra mw ifeza, mbageragereshe kubavugutira, nk’uko bagerageza izahabu: bazokwambaza izina ryanje, nanje nzobumva; nzovuga, nt’ Abo n’abantu banje, na bo bazovuga, bat’ Uhoraho ni we Mana yanje.


kandi bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo.


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


Kandi nzobabera So, Namwe muzombera abahungu n’abakobga, Ni k’Uhoraho ashobora vyose agize.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Semerera, uvuge cane, yewe uba i Siyoni, kuk’ Uwera w’Abisirayeli, ari hagati muri mwebge, ahambaye.


Mw ijuru numva ijwi rirenga, riti Noneh’ agakiza karashitse, gashikanye n’ubushobozi n’ubgami bg’Imana yacu n’ububasha bga Kristo wayo: kuk’ Umurezi wa bene Data akororewe hasi, yahora abarega ku murango no mw ijoro imbere y’Imana yacu.


Arambgira, ati Mwana w’umuntu, aha hantu n’ah’ intebe yanje y’ubgami, n’ ahantu ibirenge vyanje bizohora bishinze, ni ho nzobana n’Abisirayeli ndi hagati muri bo gushitsa ibihe bidashira: kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kwanduza izina ryanje ryera ukundi, bo ubgabo, cank’ abami babo, ngo baryandurishe ubumaka bgabo, cank’ imivyimba y’abami babo iri mu ntatemwa zabo,


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kuba mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Ariko se, n’ivy’ ukuri Imana yoza kubana n’abantu mur’ iyi si? Rāba ijuru, mbere n’ijuru risumba ayandi, ntushobora kurikwirwamwo, nkanswe iyi nzu nubatse!


Rya jwi numvise rivuye mw ijuru nongera kuryumva rimbarira, riti Genda wābīre igitabo kizinguruye kiri mu kuboko kw’ umumarayika, ahagaze ku kiyaga n’i musozi.


Kand’ imituragaro ndwi imaze kuvuga nariko ngira nandike. Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbarira, riti Matanisha ishashara udomemw’ ikimenyetso ivyo imituragaro ndwi ivuze, ntuvyandike.


Kandi bangirire ahēra ho kuba, kugira ngo nze ngerēre hagati muri bo.


Kandi nzoba hagati mu Bisirayeli, mbe Imana yabo.


Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Non’ Imana yacu ubgayo, ni yo Data wa twese, n’Umwami wacu Yesu, agorore inzira yacu yo kuza iyo.


akorera ahēra, no mw ihema nyakuri, ryashinzwe n’Uhoraho atar’ abantu.


Nta muvumo uzoba ukiriho. Intebe y’Imana na wa Mwagazi izoba muri wa murwa, abagurano bayo bazokwama bashashe,


Uko ni ko vyagenda biba imisi yose: ico gicu cama kiripfutse, mw ijoro kigasa n’umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite