Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kandi kuri wo nta ho hazogera ikintu gihumanya, cank’ ūkora ibizira akabesha, atar’ abanditswe mu gitabo c’ubugingo ca wa Mwagazi w’Intama.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Nta kintu gihumanye na kimwe kizokwinjirayo, kandi nta wukora ibiterasoni canke umubeshi azogerayo. Hazojayo abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo c’Umwagazi w’intama gusa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:27
28 Referans Kwoze  

Ikangure, ikangure, wambare inkomezi zawe, ewe Siyoni; ambara imyambaro yawe ishajije, ewe Yerusalemu wa murwa wera; kuk’ uhereye none muri wewe hatazoshika ūtākebge cank’ igihumane.


Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Kandi hazobay’ inzira y’iroro, iyo nzira izokwitwa Inzira Yera. Abanduye imitima ntibazoyicamwo, arikw izoba iy’ abantu biwe. Abayicamwo, naho hobamw’ ibijuju, ntibazozimira.


Umwana w’umuntu azotuma abamarayika biwe, na bo bazotororokanya ibitsitaza vyose n’abakoze ibizira, babikūre mu bgami bgiwe.


Aho ni ho muzomenyera yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu, mpangamye i Siyoni ku musozi wanje wera; ico gihe i Yerusalemu hazoba ahēra, kandi nta bantu b’akavantara bazosubira kuhahita ukundi.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Nta munyamahanga atakebge mu mutima no ku mubiri, azokwinjira ahēra hanje, w’umunyamahanga wese ari mu Bisirayeli.


Kukw ibi mubizi neza, yukw ata mushakanyi, cank’ igihumane, cank’ uwifuza (ni we asenga ibigirwamana), azogira ico aragwa mu bgami bga Kristo n’Imana.


Uko bukeye nzohonnya abanyakibi bose bo mu gihugu, Kugira ngo ndandure inkozi z’ibibi zose, ndazimare ku murwa w’Uhoraho.


Arikw ibijora, n’abatizera, n’abakora ibizira, n’abicanyi, n’abashakanyi, n’abarozi, n’abasenga ibigirwamana, n’abanyabinyoma bose, umugabane wabo uzoba mu kiyaga caka umuriro n’amazuku, ni co rupfu rwa kabiri.


Kand’ ababa kw isi bose bazogisenga, umuntu wese atanditswe izina mu gitabo c’ubugingo c’Umwagazi w’Intama yatanzwe kw ikimazi uhereye ku kuremwa kw’isi.


Mukurikire kugiriranira amahoro n’abantu bose, n’ukwezwa, kuk’ ūtejejwe atazorāba Umwami;


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Abantu bawe bazoba abagororotsi bose, bazoba ben’ igihugu bgite gushitsa ibihe vyose; bazoba umuvyaro nitereye, igikorwa c’intoke zanje, kugira ngo bintere icubahiro.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


Mber’ inkono yose ir’ i Yerusalemu n’i Buyuda izoba yerejwe Uhoraho Nyen’ ingabo; maz’ abatanga ibimazi bose bazoza kuzābīra, bazitekemw’ inyama. Kur’ uwo musi nta Munyakanani azoba akigera mu ngoro y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Nuko bugaranira Miriyamu inyuma y’ aho bashagaje, amara imisi ndwi; maz’ abantu ntibāhaguruka, Miriyamu ataragaruka.


ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati.


Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.


Es’ icompa ukabaharira icaha cabo! Na ho bidashobotse, jewe upfume usibanganya izina ryanje mu gitabo cawe wanditse.


Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,


Ariko nk’uko yasezeranye, tureretse ijuru risha n’isi nsha, ivyo ukugororoka kuzobamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite