26 Kandi bazozanay’ ubgiza n’icubahiro vy’amahanga.
26 Ubwiza n’icubahiro vy’amahanga bizozanwa muri co.
Kand’ amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo kw isi bazozanay’ ubgiza bgabo.
Abami b’i Tarushishi n’abo ku bizinga vyo mu kiyaga bazozana amashikanwa, Abami b’i Sheba n’ab’i Seba bazogorora ingorore.
Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.
Amarembo yawe azokwama yuguruye, ntazokwugarirwa ku murango canke mw ijoro, kugira ngw abantu bakuzanire ubutunzi bg’amahanga, bo n’abami bayo babashoreye.
Kand’ uzokwonka amaberebere y’amahanga, uzokwonka amabere y’abami, kand’ uzomenya yuko jewe, Uhoraho, nd’ Umukiza wawe n’ Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.