25 Ibirimba vyawo ntibijishwa na rimwe, kukw ata joro ribayo.
25 Amarembo y’ico gisagara yama yuguruye, kuko nta joro rihaba.
Amarembo yawe azokwama yuguruye, ntazokwugarirwa ku murango canke mw ijoro, kugira ngw abantu bakuzanire ubutunzi bg’amahanga, bo n’abami bayo babashoreye.
Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.
arik’ uzoba umusi umwe rudende uzwi n’Uhoraho, atar’ umurango ntube n’ijoro; ariko hageze mu kagoroba hazoba umuco.
Izuba ryawe ntirizoba rikirenga, kand’ ukwezi kwawe ntikuzoba kugikeha, kuko jewe Uhoraho nzokubera umuco utazoshira, kand’ imisi y’ikigandaro cawe izoba ishize.
Kandi wa murwa nturinda kwākirwa n’izuba canke n’ukwezi, kuk’ ubgiza bg’Imana ari bgo buwākira, kandi wa Mwagazi ari we tara ryawo.
uzigujwe n’urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba harih’ abamarayika cumi na babiri, kandi hār’ amazina yanditsweko, ni yo y’imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.
Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.