Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kand’ amahanga azogendera mu muco wawo, abami bo kw isi bazozanay’ ubgiza bgabo.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Amahanga yose azogendera mu muco waho, kandi abami bo kw’isi bose bazohazana ubutunzi bwabo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:24
22 Referans Kwoze  

Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


Kandi bazozanay’ ubgiza n’icubahiro vy’amahanga.


Kur’ uwo musi amahanga menshi azokwifatanya n’ Uhoraho, bacike abantu banje; nanje nzogerēra hagati muri wewe, nawe uzomenya yuk’ Uhoraho Nyen’ ingabo yakuntumyeko.


Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ ivyiyumviro vyabo. Igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’ab’ indimi zose; bazoza babone ubgiza bganje.


Kand’ uzokwonka amaberebere y’amahanga, uzokwonka amabere y’abami, kand’ uzomenya yuko jewe, Uhoraho, nd’ Umukiza wawe n’ Umucunguzi wawe, Inyenkomezi ya Yakobo.


Rāba, uzohamagara ihanga utazi, kandi n’iryari ritakuzi rizokwirukirako, kubg’ Uhoraho Imana yawe, no kubg’ Uwera w’Abisirayeli, kukw azoba aguhaye icubahiro.


uko ni kw azojoreza amahanga menshi; abami bazozibira akanwa kabo imbere yiwe: kuko bazobona ico batābgiwe, n’ico batumvise bazocitegereza.


ngo mbe umusuku wa Kristo Yesu ku banyamahanga, nsukūrira ubutumwa bgiza bg’Imana nk’umuherezi, kugira ngw abanyamahanga babe ikimazi gishimwa, cejejwe na Mpwemu Yera.


Abo ku mpera zose z’isi bazokwibuka bahindukirire Uhoraho, Amoko yose yo mu mahanga azosengera imbere yawe.


Kukw ab’i Makedoniya no muri Akaya bahimbawe no gusorōranya ivyo gutabara aboro bo mu bera b’i Yerusalemu.


kand’ uzorahira uguhoraho kwanje Uhoraho mu vy’ukuri no mu biroranye no mu bugororotsi, maz’ amahanga azohezagiranira muri jewe, kandi ni jewe azokwirata.


Mu misi y’iherezo umurwa wubatswekw ingoro y’Uhoraho uzogasara ku mpinga z’imisozi, uzoshirwa hejuru y’iyindi mirambi; kand’ amahanga yose azosendanisha aja kuri wo.


Ubgiza bg’i Lebanoni buzokuzako, ibiti vy’amasederi n’ ivy’ imitidari n’ivy’ imiteyashuri bizozira hamwe, kugira ngo bisharize ahēra hanje, kand’ aho nshira ibirenge vyanje nzohubahiriza:


Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ ūrya ikamuha ivyo kurya;


Yemwe ab’ inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.


Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.


Kand’ abami bazokubera ba se babakurerera, n’abamikazi babo bazokubera ba nyina babakwonkereza; bazokwikubita imbere bubamye hasi, barigate umukungugu wo ku birenge vyawe; nawe uzomenya ko nd’ Uhoraho, kand’ abanyiteze ntibazomāramāra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite