Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kand’ ibirimba, ukw ar’ icumi na bibiri, vyar’ imaragarita cumi na zibiri: ikirimba kimwe cubakishijwe imaragarita imwe, birtyo birtyo. Irango rya wa murwa ryar’ izahabu nziza, isa n’ibirahuri bibonerana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

21 Imiryango y’amarembo uko ari cumi n’ibiri yari ikozwe mw’imaragarita cumi na zibiri, umuryango umwumwe wose wari ukozwe mw’imaragarita imwe. Ibarabara rikuru ryo muri ico gisagara ryari rigizwe n’inzahabu zivugutiwe, rikabonerana nk’ibiyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:21
10 Referans Kwoze  

Urugo rwawo rwubakishijwe yasipi, umurwa war’ izahabu ishize inkamba imeze nk’ibirahuri bishize inkamba nyene.


Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.


Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’ inyambarabami n’iz’ agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’ igiciro kinini n’imaragarita,


Kand’ Ahēra Cane, amakika yaho yar’ amatambge mirongwibiri, n’ubgaguke bgaho bgari mirongwibiri, n’uburebure bg’igihagararo na bgo bgari mirongwibiri nyene. Hose ahōmekakw izahabu iramuye, abāza n’igicaniro mw isederi, na co acomekakw izahabu, agitereka imbere y’Ahēra Cane.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite