Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Agera urugo rwawo, rushikana amatambge ijana na mirongwine n’ane, y’ukuboko uciriye mu nkokora, nk’ukw itambge ritambishwa ukuboko kw’umuntu ringana, ni kw iry’ umumarayika ringana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Aca apima uruzitiro, asanga rupima nk’imetero mirongo itandatu z’uburebure.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:17
6 Referans Kwoze  

Aho ni ho ubgenge buserukira. Ūfise ubgenge n’aharūre igitigiri c’ico gikōko. N’igitigiri c’umuntu: igitigiri caco n’amajana atandatu na mirongwitandatu na gatandatu.


Numva igitigiri c’abadomwekw ikimenyetso, ngo n’ibihumbi ijana na mirongwine na bine, abādomwekw ikimenyetso bo mu miryango yose y’Abisirayeli.


(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)


Haza umwe wo muri ba bamarayika ndwi, bari bafise za nzavya ndwi zuzuye ivyago ndwi vy’iherezo, avugana nanje arambgira, ati Ngwino nkwereke umugeni, umugore wa wa Mwagazi.


Baririmbira indirimbo nsha imbere ya ya ntebe y’ubgami, n’imbere ya vya binyabugingo bine na ba bakuru. Nta muntu yashoboye kwiga iyo ndirimbo atari bamwe ibihumbi ijana na mirongwine na bine, bācunguwe ngo bakūrwe mw isi.


Uwo murwa ungana impande zose, uburebure bungana n’ubgaguke. Ageresha uwo murwa rya renga, ageramwo stadiyo ibihumbi cumi na bibiri: uburebure bg’umurambararo n’ubgaguke n’uburebure bg’igihagararo birangana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite