Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Uwo murwa ungana impande zose, uburebure bungana n’ubgaguke. Ageresha uwo murwa rya renga, ageramwo stadiyo ibihumbi cumi na bibiri: uburebure bg’umurambararo n’ubgaguke n’uburebure bg’igihagararo birangana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Igisagara cari kimeze nka kwadarato, uburebure n’ubwaguke vyarangana. Apimye igisagara asanga gifise nk’ibirometero ibihumbi bibiri n’amajana ane vy’ubwaguke, n’ibirometero ibihumbi bibiri n’amajana ane vy’uburebure.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:16
6 Referans Kwoze  

Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Uko ni ko yageze izo mpande ukw ari zine: urugo rwari ruhakikuje impande zose, uburebure bgarwo bgar’ amatambge amajana atanu, n’ubgaguke bgarwo yandi majana atanu nyene; urwo rugo rwar’ urwo gutandukanya ahēra n’ahatar’ ahēra.


Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.


Agera urugo rwawo, rushikana amatambge ijana na mirongwine n’ane, y’ukuboko uciriye mu nkokora, nk’ukw itambge ritambishwa ukuboko kw’umuntu ringana, ni kw iry’ umumarayika ringana.


Agera n’uburebure bgaho bg’ umurambararo, buba amatambge mirongwibiri, n’ubgaguke buba mirongwibiri nyene, aharābana n’ahēra h’urusengero: maz’ arambarira, at’ Aha n’Ahēra Cane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite