Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Urugo ruziguje uwo murwa rufise amatanguriro cumi n’abiri, yanditswekw amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri za wa Mwagazi.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

14 Uruzitiro rw’ico gisagara rwari rwubakiye ku mabuye cumi n’abiri y’urufatiro, ari zo ntumwa z’Umwagazi w’intama.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:14
14 Referans Kwoze  

Kuko yar’ arorereye ca gisagara cubatswe kw itanguriro, umugezi n’umwubatsi waco n’Imana.


kuko mwubatswe ku mabuye y’itanguriro, ari yo ntumwa n’abāvugishwa n’Imana, Kristo Yesu ari we buye rigumya imfuruka.


Ewe uhahazwa, ukazungagizwa n’inkūbi y’umuyaga, ntugire ikikuremesha, ehe nzokwubakisha amabuye yitwa simaragido, amatanguriro yawe nzoyubakisha ayitwa safiro.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Ariko mweho, bakundwa, mwibuke amajambo yavuzwe kera n’intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo;


Ivyo, abana b’abantu ntibābimenyeshejwe mu bindi bihe, nk’uko mur’ iki gihe intumwa ziwe zera n’abavugishwa na we bābihishuriwe na Mpwemu:


Nanje ndakubgira yuk’ uri Petero, kandi kur’ urwo rutare nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’ amarembo y’i kuzimu ntazorishobora.


Kandi yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kuba abavugishwa na we, abandi kuvuga ubutumwa bgiza, abandi kuba abungere n’abigisha:


Kandi bamaze kumenya ubuntu nahāwe, Yakobo na Kefa na Yohana, abashimwa kw ar’inkingi, badukora mu minwe, twe na Barunaba, ngo dufatanye na bo, ngo twebge tuje ku banyamahanga, na bo baje ku bākebge.


Barabapfindira, ubupfindo bgerekana Matiya, nukw aharūranwa n’intumwa cumi n’imwe.


Ahahera i burasirazuba har’ ibirimba bitatu; ahahera i burārūko har’ ibirimba bitatu; ahahera i bumanuko har’ ibirimba bitatu; ahahera i burengerazuba har’ ibirimba bitatu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite