Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 uzigujwe n’urugo runini rurerure rufise ibirimba cumi na bibiri, no mu birimba harih’ abamarayika cumi na babiri, kandi hār’ amazina yanditsweko, ni yo y’imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Cari kizitijwe uruhome runini mu bwaguke kandi rurerure, rufise amarembo cumi n’abiri arinzwe n’abamarayika cumi na babiri. Kandi amazina y’imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli yari yanditse kuri ayo marembo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:12
21 Referans Kwoze  

Ibirimba vyawo ntibijishwa na rimwe, kukw ata joro ribayo.


Iminara yawe nzoyubakisha amabuye atukura, n’ ibirimba vyawe nzovyubakisha amabuye akayangana, kand’ uruzitiro rwawe rwose nzorwubakisha ay’ igiciro.


Amahoro abe imbere mu nzitiro zawe, Itōto ribe mu ngoro zawe.


Umuryano ntuzokwumvikana ukundi mu gihugu cawe, bo n’ukugeseza n’ ugutikiza mu ngabano zawe; arikw inzitiro zawe uzozīta Gakiza, n’amarembo yawe uzoyīta Mpundu.


Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu.


Igihe bāshikiriza Imana uruzitiro rw’i Yerusalemu, bāhamagaye Abalewi aho bāba hose, ngo baze i Yerusalemu ku musi mukuru wo kurushikiriza Imana banezerewe, ngo bashimishe indirimbo bafise n’ivyo kuvuza vyitwa matowazi bo n’amakembe n’inanga.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


Kuko na none tur’ abagurano; arikw Imana yacu ntiyaduhebeye mu bugurano bgacu, arikw itugirira ikigongwe, yerekana imbabazi kuri twebge imbere y’abami b’i Buperesi, iraduhēmbūra, kugira ngo dusubire twubake ingoro y’Imana yacu, kandi ngo dusane ahasenyutse hayo, ngw iduhe n’uruzitiro rudukikije i Buyuda n’i Yerusalemu.


Mbeg’ abamarayika bose s’impwemu ziyikorera, zitumwa gukora igikorwa kubg’ abazoragwa agakiza?


Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


Mwirinde ntimukēngēre n’umwe mur’ aba bana bato: ndababgira yuko mw ijuru abamarayika babo bama barāba mu nyonga ha Data wo mw ijuru. [


Utwo tubuyenge tunganye igitigiri n’amazina y’ abana ba Isirayeli: tube icumi na tubiri nk’ukw amazina yabo ar’ icumi n’abiri: tumere nk’utubuyenge two kudoma ibimenyetso, tugende twandikwakw izina mu buryo bgo guca amagarwe, tube utw’ iyo miryango ukw ar’ icumi n’ibiri.


Ahahera i burasirazuba har’ ibirimba bitatu; ahahera i burārūko har’ ibirimba bitatu; ahahera i bumanuko har’ ibirimba bitatu; ahahera i burengerazuba har’ ibirimba bitatu.


Uwavugana nanje yar’ afise irenga ry’izahabu ry’ikigeresho, kugira ngw agere uwo murwa n’ibirimba vyawo n’urugo rwawo.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Kandi hār’ ibishushanyo vy’intambge cumi na bibiri, bidondagije kimwe‐kimwe impande zompi z’aho kudondagira ukw ari hatandatu; mu bihugu vyose nta ntebe y’ubgami yigeze kubāzwa ihwanye n’iyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite