Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 ufise ubgiza bg’Imana. Ugukayangana kwawo gusa n’ukw’ ibuye ry’akabuyenge ry’igiciro kinini cane, nk’akabuyenge kitwa yasipi, kabonerana nk’icirore,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

11 Ico gisagara cakayangana ubwiza bw’Imana kandi imishwarara yaco yari imeze nk’iy’akabuye k’igiciro kitwa Yasipi, kibonerana nk’ikiyo.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:11
17 Referans Kwoze  

Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


kand’ imbere y’iyo ntebe hari nk’ikiyaga c’ibirahuri, gisa n’urubona: kandi hagati ahahanganye n’iyo ntebe no kuyikikuza har’ ibinyabugingo bine vyuzuye amaso imbere n’inyuma.


Anyereka uruzi rw’amazi y’ubugingo, rubonerana nk’icirore, ruva ku ntebe y’Imana na wa Mwagazi.


Hejuru y’imitwe y’ ivyo binyabugingo hār’ ikimeze nk’itāzānure ry’ijuru, gisa n’urubona ruca mu jisho, kibamvye hejuru y’imitwe yavyo.


Uwar’ avyagiye yasa n’akabuyenge kitwa yasipi n’akitwa sarudiyo: kand’ umunywamazi war’ ukikije iyo ntebe, usa n’akitwa simaragido.


Kuhakikuza n’amatambge ibihumbi cumi n’umunani y’ukuboko uciriye mu nkokora: kand’ uhereye uwo musi izina ry’ico gisagara rizokwitwa ng’ Uhoraho ni ho aba.


Hirya y’iryo tāzānure ryo hejuru y’imitwe yavyo hār’ igisa n’intebe y’ubgami imeze nk’akabuyenge kitwa safiro; kandi hejuru kur’ ico kintu casa n’intebe y’ubgami hār’ igisa n’umuntu.


Kandi hejuru y’inzu yose yo ku musozi Siyoni no ku makoraniro yaho Uhoraho azoharemera igicu n’umwotsi ku murango, no guca ibikēke kw’umuriro waka mw ijoro: kuko hejuru y’ubgiza bgose hazobah’ igitwikira.


Izahabu n’ibirahuri nta ho vyoshobora kugereranywa na bgo; N’ivyacuzwe mw izahabu nziza ntivyobukāba.


Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bgiza bg’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi nta washoboye kwinjira mur’ urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe.


ngize ntya mbona ubgiza bg’Imana y’ Abisirayeli buje buturutse mu nzira y’i burasirazuba. Ijwi ryayo ryari rimeze nk’ugusūma kw’ amazi menshi; isi ikayanganishwa n’ubgiza bgayo.


Ibitayega vy’ibidandazwa vyawe vyatumye wuzura umuryano, maz’ uracumura: ni co catumye nguhinda nk’igihumane, nkagukūra ku musozi w’Imana; narakugesheje, yewe mukerubi ushānje amababa, ngukūra hagati ya ya mabuye yaka umuriro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite