Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 21:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Anjana ku musozi munini muremure ndi muri Mpwemu, anyereka umurwa wera Yerusalemu, wururuka uva mw ijuru ku Mana,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Aca anjana muri mpwemu, andugana ku musozi munini kandi muremure, aca anyereka igisagara cera, Yerusalemu, cururuka kiva mw’ijuru ku Mana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 21:10
17 Referans Kwoze  

Mbona umurwa wera, Yerusalemu musha, wururuka uva mw ijuru ku Mana, witeguwe nk’uk’ umugeni asharizwa umugabo wiwe.


Maze Mpwemu aranterura, mbona ansubiza i Bukaludaya ku bajanywe ar’ inyagano, ndi mur’ ukwo kwerekwa neretswe na Mpwemu w’Imana. Maz’ ukwo kwerekwa nabonye guca kumvako.


Anjana mu bugaragwa ndi muri Mpwemu. Mbona umugore yicaye ku gikōko gisa n’agahama, cuzuye amazina y’amarogotano, gifise imitwe ndwi n’amahembe cumi.


Ku musi w’Imana nari muri Mpwemu, numva inyuma yanje ijwi rirenga nk’iry’ inzamba,


Bavuye mu mazi, Mpwemu w’Umwami Imana ajana Filipo, inkone ntiyasubira kumubona, kuko yashishikaye kugenda inezerewe.


Maze Mpwemu yongera kunterura, anjana ku kirimba c’i burasirazuba co ku ngoro y’ Uhoraho kirābana n’i burasirazuba: mbona abantu mirongwibiri na batanu bari ku rugi rwo ku kirimba; kandi hagati muri bo mbona Yazaniya mwene Azuri, na Pelatiya mwene Benaya, abaganwa b’iryo hanga.


Maz’ aramvura igisa n’ukuboko, afata umushatsi wo ku mutwe wanje; maze Mpwemu aranterura, ancisha hagati y’ ijuru n’isi mur’ ukwo kwerekwa n’Imana, mbona anjana i Yerusalemu, anshikana ku rugi rw’ikirimba c’inyubakwa kirābana n’i burārūko, ahār’ intebe y’igishushanyo c’ikēba, gikēba Imana.


Ako kanya mba muri Mpwemu: kandi mbona intebe iteretse mw ijuru, mbona n’Ūyivyagiyeko.


Nuko Mpwemu aranterura, aranjana; ngenda nshavuye, nitonganya; arik’ ukuboko kw’Uhoraho kwari kunshikamiye.


Ariko ni namara gutandukana nawe, Mpwemu w’Uhoraho ahava akujana ahandi ntazi; nuko ni naja kubibgira Ahabu, akaza ntakubone, aranyica. Yamara jewe umusavyi wawe nahereye mu buto bganje nubaha Uhoraho.


Baramubarira, bati Twebge abasavyi bawe turi kumwe n’ abantu b’inkomezi mirongwitanu; nuko turakwinginze, reka bagende baje kurondera shobuja; kumbure Mpwemu w’Uhoraho yoba yamuteruye, akamuterera ku musozi muremure, canke mu mwonga. Aravuga, at’ Oya, ntimubarungike.


Ariko Yerusalemu wo hejuru ni wo mugore bgite, ni wo mama wa twese.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Intangaro y’urusengero uyireke, ntuyigere, kuko yahawe abanyamahanga: kandi n’igisagara cera bazogisiribanga amezi mirongwine n’abiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite