Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Baradūga bakwira isi yose, bakikiza ah’ ingabo z’abera zishagaje, na ca gisagara gikundwa. Umuriro uratibuka uvuye mw ijuru, urabarigata.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Nuko ndababona bagendagenda isi yose, bakikuza ikibanza abera b’Imana barimwo n’igisagara Imana ikunda. Ariko umuriro uramanuka uvuye mw’ijuru, urabarigita.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:9
33 Referans Kwoze  

maz’ uzotera abantu banje b’Abisirayeli, umeze nk’ igipfungu cubikije mu gihugu: maze mu misi y’iherezo nzokugomora utere igihugu canje, kugira ngw amahanga az’ amenye ico ndi co, igihe nzokwiyerekanira kuri wewe imbere yabo ko nd’ Uwera, ewe Gogi!


Kandi nzokwanda umuriro Magogi, n’abibera ku kiyaga ata co binona; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Nzomushitsakw iteka namuciriyeko, ndamuhanishe ikīza no kuvishwa amaraso; kandi we n’ingabo ziwe n’ amahanga menshi ari kumwe na we, nzobarekurirakw imvura y’ isegenya, n’imināna y’urubura, n’ umuriro n’amazuku.


Nuk’ uzodūga, uje nk’ikirura, uzoba nk’igipfungu cubikije mu gihugu, mwe n’ingabo zawe zose, n’amahanga menshi muri kumwe.


hagati mu muriro waka, yishure guhōrwa abatāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Umwami wacu Yesu.


Umuriro udomekwa mw ikoraniro ryabo, Ikirimi cawo kiyigiza abanyakibi.


Umuriro umwitangira imbere, Uyigiza abarwanizi biwe impande zose.


Kandi gikora ibimenyetso bihambaye, kimanura umuriro uva mw ijuru utibukira kw isi mu maso y’abantu.


Kand’ iy’ umuntu agomvye kubagirira nabi umuriro ubava mu kanwa, ugaturira abansi babo: kand’ umuntu ni yagomba kubagirira nabi uko ni kw akwiye kwicwa.


maz’ umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose.


Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza, bati Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ng’ utibuke uve mw ijuru, ubayigize, nk’uko Eliya yakoze?


Maz’ umumarayika w’Uhoraho arasohoka, atera mu nsago z’Abashuri, yicamw’ ingabo ibihumbi ijana na mirongumunani na bitanu: abantu bavyutse mu gatondo basanga ingabo zose ar’ imihindigiti y’imivyimba.


Umuriro uva k’Uhoraho, uyigiza ba bagabo amajana abiri na mirongwitanu bosheje imibavu.


Abantu baridodomba kubg’ ibibagoye; bigwa mu matwi y’Uhoraho; avyumvise, uburake bgiwe buraziriringa: umuriro w’ Uhoraho wāduka muri bo, uyigiza igihimba co ku mpera y’aho bashagaje.


Nuko tuve mur’ izo nsago, tumusange inyuma yazo, twiremētse ugucokorwa kwiwe.


Kukw ehe rāba, ngira nkakamure Abakaludaya, rya hanga ry’inkazi kandi ry’inkuba, bagenda batera isi iyo iva ikagera, bakikeberezako ingo zitar’ izabo.


Ūgenda arabacīra inzira yadūze imbere yabo: baramennye, baca mw irembo, barifyuka inyuma: umwami wabo yabagiye imbere, Uhoraho ni we yabarōngōra.


Kukw ikirundo c’inkwi citeguwe uhereye kera, mbere citeguriwe umwami; Uhoraho yakigize kirekire kandi kinini; ibigikomanije n’umuriro n’ibigiga vyinshi; impwemu z’Uhoraho zimeze nk’ umugezi w’amazuku ni zo zibidometse.


Maz’ umusuku w’uwo muntu w’Imana, avyutse kare mu gatondo abona ingabo ziri kumwe n’amafarasi n’imikogote bajiguje ico gisagara. Uwo musuku abarira shebuja, ati Biracitse databuja! None tugira dute?


Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’ amazuku, bivuye kuri we mw ijuru;


Ariko ni mwabona i Yerusalemu hakikijwe n’ibitero, muze mumenye yuk’ ubuyobe bgaho bugira bushike.


Kukw imisi izokuzako, ah’ abansi bawe bazokurundira ikirundo c’ivu kigukikije, na bo ubgabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,


kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.


Uhoraho akunda ibirimba vy’ i Siyoni Kubirutisha ingo zose z’aba Yakobo.


Mbega waratahuye ubgaguke bg’isi? Bivuge, namb’ ubizi vyose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite