Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

8 hanyuma asohoke aje kuzimiza amahanga yitwa Gogi na Magogi, mu mpande zine z’isi. Azobakoranya ngo batere intambara, kandi bazoba ari benshi bangana n’umusenyi wo ku kiyaga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:8
17 Referans Kwoze  

kukw izo ar’ impwemu z’abadayimoni, zikora ibimenyetso, zija ku bami bo mw isi yose, ngo zibakoranirize ku ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose.


Ijambo ry’Uhoraho ryanjeko,


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.


Ni co catumye umuntu umwe — kand’ uwo yar’ akāheze — yāmukwako n’isinzi nk’inyenyeri zo kw ijuru, kandi n’abangana n’umusenyi uri kw isēsero ry’ikiyaga utoharūrika.


Nk’ukw ingabo zose z’inyenyeri zo kw ijuru zitoharūrika, n’umusenyi wo ku kiyaga utogereka, ni ko nzogwiza uruvyaro rwa Dawidi umusavyi wanje, n’urw’ Abalewi bankorera.


Kuk’ ubgoko bganyu, yemwe Bisirayeli, naho bungana n’umusenyi wo ku kiyaga, amasigarira yo kuri bgo ni yo azogaruka gusa; kugeseza kwarashinzwe, kuzoza gusendanishije ukugororoka.


Nukw Abafilisitiya barakorakorana ngo barwanye Abisirayeli; bāri bafise imikogote y’intambara ibihumbi mirongwitatu, n’abagendera ku mafarasi ibihumbi bitandatu, n’ingabo nyinshi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga; baradūga, basagaza i Mikimashi ku ruhande rw’i Beti‐aveni ruhera i burasirazuba.


Kand’ Abamidiyani n’Abamaleki n’ab’i burasirazuba bose bari bajimagije ico kiyaya, ar’ amasinzi nk’inzige, n’ingamiya zabo zitoharūrika, ar’ amasinzi nk’umusenyi wo kw isēsero ry’ikiyaga.


Kand’ Abayuda n’Abisirayeli bār’ isinzi, bangana n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi bārarya, bāranywa, bakanezerwa.


riti Nawe, mwana w’umuntu, uku ni k’Umwami Uhoraho abarira igihugu c’Abisirayeli, at’ Umuhero! Umuhero ushitse mu mpande zine z’igihugu!


riti Mwana w’umuntu, tungīra ijisho ryawe Gogi wo mu gihugu c’i Magogi, umwami w’i Roshi n’i Mesheki n’i Tubali, umubūrire,


Nuko rero, mwana w’umuntu, ubūrire Gogi, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Ehe nzohigūra nawe, ewe Gogi, wa mwami w’i Roshi n’i Mesheki n’i Tubali:


Kandi nzokwanda umuriro Magogi, n’abibera ku kiyaga ata co binona; maze bazomenya yuko jewe nd’ Uhoraho.


Hanyuma y’ivyo, mbona abamarayika bane bahagaze ku mfuruka zine z’isi, bafashe imiyaga ine yo kw isi, kugira ngo ntihagire umuyaga uhūha kw isi canke ku kiyaga canke ku giti cose.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Na yo iti Ndagenda nihindure impwemu y’ibinyoma mu kanwa ka ba kamenyi biwe bose. Na we arayishura, ati Nuk’ uramwosha, kand’ uzobishobora; genda ugire urtyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite