Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 agikororera i kuzimu, arahadadira, ashirakw ikimenyetso kikirumanya, kugira ngo nticongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’ iyo myaka igihumbi izoshirira: ni yashira gikwiye kubohorwa ngo kimare igihe gito.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Aca agikororera i kuzimu, acugaranirayo, kugira ngo ntikibandanye kizimiza amahanga gushika iyo myaka igihumbi iheze. Ariko inyuma y’iyo myaka kizorekurwa akanya gatoya.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:3
17 Referans Kwoze  

Mbona umumarayika amanuka avuye mw ijuru, afise urupfunguzo rw’i kuzimu, afise n’ikinyororo mu minwe.


Igikōko ubonye cariho kandi ntikikiriho, kandi kigira kidūge kive i kuzimu, kije kuranduka. Kand’ ababa kw isi batanditswe amazina yabo mu gitabo c’ubugingo, uhereye ku kuremwa kw’isi, bazotangara babonye ico gikōko yuko cariho kandi kitakiriho, kandi kizoboneka.


Maze bazana ikibuye, bacubika ku munwa w’urwobo, bagihomakw ishashara, ayidomamw’ ikimenyetso ciwe bgite, n’ikimenyetso c’ abaganwa biwe, kugira ngo ntihagire igihindurwa mu vya Daniyeli.


Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Nuko baragenda barindisha imva, ca kibuye bagihomakw ishashara, bayidomamw’ ikimenyetso, abo barinzi babona.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.


Kukw imyaka igihumbi mu nyonga zawe Imeze nk’umusi w’ejo wahise, Canke nk’igishingo kimwe c’ijoro.


Uyo abami bo kw isi bāsambana na we, ababa kw isi bakaborerwa vino, ni zo busambanyi bgiwe.


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


Ab’i ruhande y’inzira, ah’ iryo jambo ribibga, iyo bahejeje kwumva, Satani aca aza uwo mwanya, akabakūramw’ iryo jambo ryabibge muri bo.


Baramwinginga ngo ntababarire kuja i kuzimu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite