Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ umuntu wese atabonetse ko yanditswe muri ca gitabo c’ubugingo atererwa mur’ ico kiyaga caka umuriro.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Umuntu wese atasanze izina ryiwe ryanditswe mu gitabu c’ubugingo, atererwa muri ico kiyaga caka umuriro.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:15
19 Referans Kwoze  

Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.


Kandi nta wundi agakiza kabonerwamwo, kukw ata rindi zina musi y’ijuru ryāhawe abantu dukwiye gukirizwamwo.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


babaterere mw itanure ry’umuriro; ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Mwirinde ntimwanke kwumva Iyirikw iravuga. Ba bandi ko batākize, hamwe banka uwababūririye mw isi, tweho tuzorushiriza cane kudakira, namba dutera ibitugu Iyitubūrira iri mw ijuru.


tweho tuzokwikiza dute, ni twanjanjwa ku gakiza kangana gartyo? Kabanje kuvugwa n’Umwami wacu, kagakomezwa kuri twebge n’abakumvise,


Uwizera akabatizwa azokizwa, arik’ ūtizera azotsindwa n’urubanza.


Bazobaterera mw itanure ry’umuriro, ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.


Basibanganywe mu gitabo c’ ubugingo, Ntibaze bandikanwe n’abagororotsi.


Ariko ntimunezerezwe n’ukw izo mpwemu zibumvira, yamara munezerezwe n’ukw amazina yanyu yanditswe mw ijuru.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite