Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bo muri co, urupfu n’i kuzimu bigarukana abapfuye bo muri vyo, bacirwa imanza zikwiranye n’ivy’ umuntu wese yakoze.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ikiyaga kigarukana abapfuye bari muri co, urupfu na kuzimu bigarukana abari muri vyo, umwe wese aciribwa urubanza ruhwanye n’ivyo yakoze.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:13
13 Referans Kwoze  

Mbona ifarasi ibenjutse; kand’ ūyicayeko yitwa Rupfu, Kuzimu na we aramukurikira; bahabga ububasha ku kigira kane c’isi, ngo babicishe inkota n’inzara n’urupfu n’ibikōko vyo kw isi.


Nzobacungura mbakūre mu bubasha bg’i kuzimu; nzobagōmbōra mbakūre mu rupfu: wa rupfu we, ikīza watera kiri hehe? Wa kuzimu we, kwa guhonnya kwawe kuri hehe? Arik’ ukwihana kwabo guhishijwe inyonga zanje.


Rupfu na Kuzimu batererwa muri ca kiyaga caka umuriro. Ico kiyaga caka umuriro ni co rupfu rwa kabiri.


Mbona abapfuye, abahambaye n’aboroshe, bahagaze imbere y’iyo ntebe; ibitabo birazingururwa. Kand’ ikindi gitabo kirazingururwa, ni co gitabo c’ubugingo. Abapfuye bacirwa imanza z’ivyanditswe mur’ ivyo bitabo, zikwiranye n’ivyo bakoze.


Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ ivu rizogarura abapfuye.


kandi ndi muzima; nari narapfuye, kandi rāba mpora ndi muzima ibihe bitazoshira, mfise impfunguzo z’urupfu n’iz’ i kuzimu.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Kuk’ Umwana w’umuntu azohava aza afise ubgiza bga Se, azananye n’abamarayika biwe; ni ho azoca yishura umuntu wese ibikwiranye n’ivyo yakoze.


Urupfu ni we mumenja w’imperēra azorandurwa.


Kandi n’abana biwe nzobicisha urupfu, kand’ amashengero yose azomenya yukw ari jewe nsesa mu mishaha no mu mitima, kandi nzokwishura umuntu wese wo muri mwebge ibihwanye n’ivyo mwakoze.


Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’ urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’ amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite