Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 20:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

10 Wa mubi yabahenda, atabwa mu kiyaga caka umuriro, aho ca gikoko na wa muvugishwa w’ibinyoma bari batawe. Bazobabazwa ijoro n’umurango, ibihe bidashira.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 20:10
12 Referans Kwoze  

Maz’ azobgira n’abar’ i bumoso, ati Mva i ruhande, mwa bivume mwe, muje mu muriro utazima wateguriwe wa Murwanizi n’abamarayika biwe.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


azosokoroka aje kuzimiza amahanga yo mu mfuruka zine z’isi, Gogi na Magogi, kugira ngw ayakoranirize hamwe ku ntambara, igitigiri cabo ni nk’umusenyi wo ku kiyaga.


Kandi mbona mu kanwa ka ca gisato no mu kanwa ka ca gikōko no mu kanwa ka wa muvugishwa w’ibinyoma, havamw’ impwemu zitatu zihumanya, zisa n’ibikere:


Naritegereje ico gihe kubg’ ijwi rya ya magambo yo kwihayagiza ka gahembe kāvuga; nkiriko nditegereza, ca gikōko kiricwa, umuvyimba waco uraherengetera, utābga mu muriro urayigira.


Mwirinde abīgira abavugishwa n’Imana; baza kuri mwebge bambaye nk’intama; arikw imbere ar’ amabingira y’inkazi.


Kandi nerekwa ntya amafarasi n’abari bayicayeko. Bari bambaye ivyuma bikīngira ibikiriza, bisa n’ikibengebenge n’agafyiri n’amazuku: imitwe y’ayo mafarasi yari nk’iy’ intambge, mu kanwa kayo havamw’ umuriro n’umwotsi n’amazuku.


ah’ inyo zabo zidapfa, kandi n’umuriro utazima.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite