Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:7
36 Referans Kwoze  

Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.


Namba har’ umuntu ari n’ugutwi ni yumve.


Bun’ abagororotsi bazokwaka nk’izuba mu bgami bga Se. Ūri n’amatwi ni yumve.


Ūri n’amatwi ni yumve.


Imbuto y’umugororotsi n’igiti c’ubugingo, Kand’ ūfise ubgenge ahindura imitima y’abantu.


Hahirwa abamesura imvune zabo, kugira ngo babone kwēgēra ca giti c’ubugingo, kandi bace mu birimba bashike kuri wa murwa.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.


Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga, ameza n’igiti c’ubugingo hagati mur’ iryo tongo, ameza n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.


Kandi Mpwemu bo na wa mugeni barahamagara, bati Ngwino. Kand’ uwumva n’ahamagare, ati Ngwino. Kand’ ūfise inyota n’aze, ūgomba ni yākīre amazi y’ubugingo ku buntu.


nta kintu kir’ inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, arikw ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya. [


Hagati y’irango rya wa murwa, hakurya no hakuno y’urwo ruzi harih’ igiti c’ubugingo, cera icumi na kabiri mu mwaka, kikera rimwe‐rimwe uk’ ukwezi gutashe. Ibibabi vyaco vyar’ ivyo kuvūra amahanga.


Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe vy’Imana.


Ivyo mbibabgiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw isi muri n’amarushwa, ariko ni muhūmure, jewe naranesheje isi.


Wari muri Edeni, mw itongo ry’Imana; wisakayek’ utubuyenge twose tw’igiciro kinini, twitwa odemu na pitida na yahalomu na tarushishi na shohamu na yasipi na safiro na nofekina na bareketi, bo n’izahabu: ubuhanga bgo kubāza udushako tw’ingoma n’imyironge bgar’ i wawe; vyari vyarateguwe umusi waremwako.


Ivyizigiwe bigateba, bivuna umutima, Arikw icifujwe iyo gishitse, kiba igiti c’ubugingo.


yadūganywe, akajanwa muri Paradiso, akumva ibitovugwa, ivy’ umuntu atemererwa kuvuga.


Amasederi yandi yo mw itongo ry’Imana nta yashobora kucababa; n’imiberoshi ntiyaruha ingana n’ amasango yaco, cank’ imyarumoni ngw ihwane n’amashami yaco; kandi nta giti co mw itongo ry’ Imana cari gihwanije na co ubgiza.


Ururimi rwiza n’igiti c’ubugingo, Arik’ urugoreka n’akavunamutima.


Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Numva ijwi rivuye mw ijuru rimbgira, rit’ Andika, ut’ Uhereye none hahirwa abapfa bapfira mu Mwami. Kandi Mpwemu aravuga, at’ Ego me, ngo baruhuke ubutame bgabo, kukw ibikorwa vyabo bijana na bo bibakurikiye.


Bubera igiti c’ubugingo ababucakira: Hahirwa umuntu wese abgumirako.


Kand’ at’ Ūri n’amatwi yumva, ni yumve.


Izindi zigwa mw ivu ryiza, ziramera, zihunda impeke, imwe ijana, iyindi ijana, birtyo birtyo. Avuze ivyo, avuga n’ijwi rirenga, at’ Ūri n’amatwi yumva ni yumve.


Ndabandikiye ba se, kuko mwamenye uwahereye ubga mbere na mbere. Ndabandikiye misore, kuko mwanesheje wa Mubi. Narabandikiye bana bato, kuko muzi Data wa twese.


Namba har’ ūfise amatwi yumva, ni yumve.]


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite