Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Kand’ ugira ukwihangana, wirengagije ivy’ ugirirwa kw izina ryanje, ntiwacobogora.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wihanganiye imibabaro myinshi ku bw’izina ryanje, ntiwadendebukirwa.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:3
49 Referans Kwoze  

Kuko mukwiye kwihangana, kugira ngo ni mwamara gukora ivy’ Imana igomba mubone guhabga ivyasezeranywe.


Nuko natwe, ko dukikijwe n’igipfungu c’ivyabona kingana girtyo, twiyambure ibituremēra vyose, n’icaha gikunda kutwizingirako vuba, dusiganirwe ivyo twashizwe imbere twihanganye,


Twame dukora ivyiza, ntiducobogore, kukw igihe ni cashika tuzokwimbura, ni tutarambirwa.


mushobozwa n’ubushobozi bgose, nk’ukw inkomezi z’ubgiza bgayo ziri, ngo mwihangane rwose, ntimurambirwe, mubigiranye umunezero.


Arikw ivyo vyose bazobibagirira babahōra izina ryanje, kuko batazi uwantumye.


rurenzako muri vyose, rwizera vyose, rwizigira vyose, rwihanganira vyose.


Ko witondeye ijambo ryo kwihangana kwanje, nanje nzokurinda igihe co kugerageza, kigira kize mu bihugu vyose, kugerageza ababa mw isi.


Ni ko vyamubereye: amaze kwihangana ahabga ivyasezeranywe.


kugira ngo ntimube ibinebge, ariko mwīgāne abaheshwa n’ukwizera n’ukwihangana kuragwa ivyasezeranywe.


Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo, kuko mwātunga abera, na none mukibatunze.


Kukw igituma dutama tukāma mu ntambara ar’ uko twizigiye Imana nzima, ni yo Mukiza w’abantu bose, cane‐cane w’abizera.


Ariko mweho bene Data, ntimurambirwe no gukora iciza.


Ni co gituma tutihebura; ariko, nah’ umuntu wacu wo ku rukoba arikw arabora, umuntu wacu w’imbere yama ahinduka musha uko bukeye.


Ni co gituma tutihebura, kuko dufise ubgo busuku, nk’uko twagiriwe ikigongwe.


Munezererwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga;


Yamara ko twiteze ico tutarabona, nuko tukirorēra twihangana.


Ūtikorera umusaraba wiwe ngw ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.


Uhwekerere imbere y’Uhoraho, umurorēre wihanganye: Ntuhagarikwe umutima n’ ūguwe neza mu rugendo rwiwe, N’umuntu ashitsa imigabo mibi.


Jewe Yohana, mwene So, musangiye amarushwa n’ubgami n’ukwihangana biri muri Yesu, nari ku kizinga Patimo co mu kiyaga, bampōra ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.


ubgenge mubgongereko kwirinda; ukwirinda mukwongereko kwihangana; ukwihangana mukwongereko kwubaha Imana;


twibuka ubudasība ibikorwa vyanyu biva ku kwizera, n’ubutame buva mu rukundo, n’ukwihangana kuva ku kwizigira Umwami wacu Yesu Kristo, imbere y’Imana yacu, ni yo Data wa twese.


N’abakozi ba Kristo? (Mvuga nk’umusazi) ndabarusha. Ndabarusha mu butame, ndabarusha gushirwa mu mabohero, ndabarusha mu gukubitwa kurenze urugero: kenshi nari mw irinde ry’urupfu.


Kandi ni co gituma tugira umwete wo kumunezereza, iyo tur’ i wacu mu mubiri, cank’ iyo tugerereye kure y’umubiri.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe,


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Nuko tuve mur’ izo nsago, tumusange inyuma yazo, twiremētse ugucokorwa kwiwe.


Abakuru b’ishengero baganza neza ni babiyumvire ko bakwiye guhabga icubahiro kirushiriza, kandi cane‐cane abacumukura mu kuvuga ijambo ry’Imana no mu kwigisha.


ntitwarya ivyo kurya vy’ umuntu n’umwe ku busa, ariko twagira ubutame n’ubucumukure, dukora ku murango no mw ijoro, kugira ngo ntitugire umuntu muri mwebge tugora.


Umwami arōngōre imitima yanyu, ayerekeze ku rukundo rw’Imana no ku kwihangana kwa Kristo.


Bene Data, muribuka ubutame bgacu n’ubucumukure; twābabgira ubutumwa bgiza bg’Imana twikenurira umurango n’ijoro, kugira ngo ntihagire uwo muri mwebge turemēra.


Kandi nawe, ndakwinginga, uwo dufatanije igikorwa vy’ukuri, wame ufasha abo bagore, kuko bārwananye nanje mu kurwanira ubutumwa bgiza, bo na Kilementi n’abandi bāfatanya nanje, amazina yabo yanditswe mu gitabo c’ubugingo.


mwerekana ijambo ry’ubugingo; kugira ngo mbone ico nzokwirata ku musi wa Kristo, yuko ntirukiye ubusa kandi ntātamijwe n’ubusa.


Mwākīrane imitwaro, mushikane murtyo ivyagezwe na Kristo.


Ntitwirata ibirenze urugero, ntitwirata ivy’ abandi bakoze. Ariko twizigiye yuk’ ukwizera kwanyu ni kwakura, tuzoshirwa hejuru kubganyu, ku vyo twagerewe, ngo twāgukirwe,


mu bimoko, mu mabohero, mu migūmūko, mu butame, mu kurāra maso, mu kwirirwa ubusa,


Muntahirize Tirufayina na Tirufosa, bakorera mu Mwami wacu. Muntahirize Perusi akundwa, yakoreye mu Mwami cane.


Ukwihangana kwanyu ni kwo kuzotuma mukiza ubugingo bganyu.


Bafata umuntu ahita, Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, ni se wa Alekisandero na Rufo, ngw amutwaze umusaraba.


Nzokwihanganira ubushangashirwe bg’Uhoraho, kuko namugararije, gushitsa ah’ azombūranira, akantsindira. Azonsohokana anshikane mu muco, nanje nzokwitegereza ukugororoka kwiwe.


Kuko nihanganira ibitutsi bakumpōra; Isoni zitwikiriye mu maso hanje.


Ariko bene Data, turabinginga, mumenye abakora muri mwebge bagatama, babaganza mu Mwami wacu, bakabahanūra,


Nuko namwe mugāmburukire abameze bartyo, n’uwundi wese afatanije n’abandi mur’ ico gikorwa, agatama.


Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite