Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 azoyaragiza inkoni y’icuma, nk’uko bamenagura inzavya z’ibumba; nk’uko nanje nahawe na Data.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

27 Azoyatwazanya umukazo, ayamenagure nk’uwumena inkono z’ibumba. Nzomuha ububasha nahawe na Data,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:27
12 Referans Kwoze  

Avyara umwana w’umuhungu, ni we azoragiza amahanga inkoni y’icuma. Umwana wiwe arasahurwa, ajanwa ku Mana no ku ntebe yayo.


Mu kanwa kiwe havamw’ inkota ikarishe, kugira ngw ayikubite amahanga: azoyaragiza inkoni y’icuma. Kand’ aganishiriza ibirenge mu bgato vino y’uburake bg’inkazi bg’Imana ishobora vyose.


Kand’ azorusāvya nk’ukw ikibumbano gisāba, iyo bakijanjanze ata kibabarwe; mu tunywenywe twaco ntihasigare n’akajo korahura umuriro mu ziko, canke kodaha utuzi mw ivomo.


Vyose nabihawe na Data, kandi nta wuzi Umwana, atari Data, na Data, nta wumuzi, atar’ Umwana, n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.


Data, abo wampaye ndagomba kw aho ndi na bo bahabana nanje, ngo barābe ubgiza bganje wampaye, kuko wankunze itanguriro ry’isi ritarashirwaho.


Nanje mbabīkiye ubgami, nk’uko Data yabumbīkiye,


ubabgire, ut’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Uko ni ko nzosāvya ubu bgoko n’iki gisagara, nk’uk’ umuntu asāvya ikibumbano, kidashobora kwungwa ukundi: uti Maze bazohamba i Tofeti gushitsa aho batazoba bagishigaje n’akanya k’aho bahamba.


Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite