Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Ūnesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga:

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:26
32 Referans Kwoze  

Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


Kand’ ubgami n’inganji n’ubukuru bg’ubgami bgose buri musi y’ijuru hose bizogabirwa ubgoko bg’abera b’ Īsumba vyose; ubgami bgayo n’ubgami buzokwamaho, kand’ abami bose bazoyikorera bayumvire.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha, nzomuha kurya ku vyamye ku giti c’ubugingo kiri muri Paradiso y’Imana.


Nsaba, nzoguha amahanga, az’ abe umwandu wawe, N’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe.


Nta joro rizoba rikiriho, kandi ntibazorinda kubonesherezwa n’itara canke kwākirwa n’izuba, kuk’ Umwami Imana ari yo izobākira, kandi bazoba abami ibihe bitazoshira.


Ni nde atsinda isi, atar’ uwizera yuko Yesu ar’ Umwana w’Imana?


Yesu na we arabishura, at’ Igikorwa c’Imana ngiki: n’uko mwizera uwo yatumye.


Arik’ uwihangana, agashitsa kw iherezo, ni we azokira.


gushitsa Uwa mbere na mbere aje, atsindishiriza abera b’Īsumba vyose; nukw igihe kirashika, abera begukira ubgami.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Kand’ icagezwe cayo ngiki: n’uko twizera izina ry’Umwana wayo Yesu Kristo, tugakundana, nk’uko yatubariye.


Ariko wa muntu w’imburakimazi we, mbeg’ ugomba kumenya ingen’ ukwizera kutagira ibikorwa ar’ ukw’ ubusa?


Ariko mur’ ivyo vyose turushishwaho kunesha n’uwadukunze.


Abarondera ubgiza n’icubahiro no kudapfa, bahora bakora ivyiza bihanganye, izobishura ubugingo budashira.


Arikw abera b’Īsumba vyose bazohabga ubgo bgami, kand’ ubgo bgami bazobgegukira buhore ar’ ubgabo gushitsa ibihe bitazoshira.


Ūnesha azoragwa ivyo, nanje nzoba Imana yiwe, na we azoba umwana wanje.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


Yesu arababgira, ati Ndababgira ukuri yuko mwebge abankurikiye, ah’ Umwana w’umuntu azovyagirira ku ntebe y’ubgiza bgiwe, igihe co kuvyarwa ukundi gusha, namwe muzokwicara ku ntebe cumi na zibiri, mucire imanza imiryango cumi n’ibiri y’Abisirayeli.


Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


Ūnesha azokwambikwa artyo impuzu zera, kandi sinzosibanganya izina ryiwe mu gitabo c’ubugingo na mba, kandi nzokwatura izina ryiwe imbere ya Data, n’imbere y’abamarayika biwe.


Bavuye muri twebge, ariko ntibar’ abacu: iyo baba bar’ abacu, baba baragumanye natwe: arikw icatumye batuvamwo kwar’ ukugira ngo bahinyuke bose kw atar’ abacu.


Nanje ni co catumye ntuma iyo, bitakinkundiye kwihangana, kugira ngo mmenye ukwizera kwanyu, nikenga ko wa musukanyi yoba yarabasutse, natwe tukaba twaratamijwe n’ubusa.


Uzobavunaguza inkoni y’icuma, Uzobamenagura nk’ikibumbano.


Muzoba mwanswe na bose babahōra izina ryanje; arik’ uwihangana agashitsa iherezo ni we azokira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite