Ivyahishuwe 2:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 Ūnesha akitondera ibikorwa vyanje agashitsa kw iherezo, nzomuha ububasha bgo kuganza amahanga: Gade chapit laBibiliya mu Kirundi coroshe26 Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga. Gade chapit la |
Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.