Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.
Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.