Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 ko mwumira ku co mufise mugashitsa aho nzozira.

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:25
16 Referans Kwoze  

Ngira nze vuba: wumire ku co ufise, ntihagire ūgutwara igitsibo cawe.


Kand’ ehe ndaza vuba. Hahirwa uwitondera amajambo yavugishijwe yo mur’ iki gitabo.


Ni wibuke rero ingene wākiriye kandi wumvise: uvyitondere, wihane. Nuko rero n’utaba maso, nzoza nk’igisuma, nawe ntuzomenya igihe nzokwūbīra.


Tugumye ukwatura ivyizigiro vyacu ntikunyiganyige, kuk’ uwasezeranye ar’ uwo kwizerwa,


Ūshingira intahe ivyo, aravuga, at’ Ego me, ndaza vuba. Amen, urakaza, Mwami Yesu.


mugerageze vyose, mugumye ivyiza,


Urukundo rwanyu rwoye kuba uruheyiheyi. Mwanke ibibi, mumatane n’ivyiza;


Eh’ arazanana n’ibicu, kand’ ijisho ryose rizomwibonera, n’abāmucumise bazomubona: kand’ amoko yose yo mw isi azoborogeshwa na we. Ni ko biri. Amen.


Nuko, ko dufise umuherezi mukuru akomeye, yaciye mw ijuru, ni Yesu Umwana w’Imana, tubangirize ivyo twizera tukavyatura.


Ariko Kristo ayoboka nk’Umwana, atwara urugo rwayo. Kand’ urugo rwayo ni twebge, namba tubangirije ubushizi bg’amanga n’ukwirata ivyizigiro vyacu rwose, gushitsa kw iherezo.


Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngw aho ndi namwe abe ari ho muba.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


Uko murya uwo mutsima kand’ uko munywera kur’ ico gikombe, muba mumenyekanisha urupfu rw’Umwami wacu, kugeza ah’ azozira.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite