Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Ivyahishuwe 2:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Ariko mweho abasigaye mu b’i Tuwatira, abadafise iyo nyigisho mwese, batāmenye ivyo ba bandi bita ivy’i bgina vya Satani, ndababgira, nti Nta wundi mutwaro mbikoreza atar’ uyu,

Gade chapit la Kopi

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,

Gade chapit la Kopi




Ivyahishuwe 2:24
15 Referans Kwoze  

Ca gisato c’amahēro kirakororwa, ni co ya nzoka ya mbere, yitwa Murwanizi, irindi ni Satani, ni co kizimiza abari kw isi bose, gikororerwa kw isi, abamarayika baco bakororanwa na co.


Ariko ndiyubara yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.


kugira ngo Satani ntaronke ic’ adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe.


Kuko Mpwemu Yera bimubereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye:


Kizimirisha ababa kw isi ibimenyetso cahawe gukorera mu maso ya ca gikōko, kibarira ababa kw isi gukora igishushanyo ca ca gikōko cari n’uruguma rw’inkota, kigahava kikabaho.


Arikw Imana yabiduhishuriye muri Mpwemu wayo: Mpwemu asesa vyose, n’ibihishijwe vy’Imana.


Umugore umwe yitwa Ludiya, umudandaza w’impuzu z’inyambarabami, wo mu gisagara citwa Tuwatira, yubaha Imana, aratwumviriza. Umwami Yesu amwugurura umutima, kugira ngw awushire ku vyo Paulo yavuga.


Ubgo bgenge si bgo bgururuka buvuye mw ijuru, ariko n’ubg’ isi, n’ubg’ abantu, n’ubg’ abadayimoni.


rivuga, rit’ Ic’ ubona ucandike mu gitabo, ukirungikire amashengero ndwi, ukirungike muri Efeso n’i Simuruna n’i Perugamo n’i Tuwatira n’i Sarudi n’i Filadelufiya n’i Lawodikiya.


ngo Ndazi amarushwa yawe n’ubgoro bgawe (yamar’ ur’ umutunzi), n’ibitutsi vy’abiyita Abayuda, atari bo, arikw ar’ isinagogi ya Satani.


ngo Ndazi ah’ uba, kw ari ho umurwa wa Satani uri; kandi wumiye kw izina ryanje, ntiwihakanye kunyizera no mu misi ya Antipa, icabona canje, n’umugororotsi wanje, yiciwe i wanyu, aho Satani aba.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira, ut’ Umwana w’Imana, afise inyonga zisa n’imbeya z’umuriro, ibirenge vyiwe bisa n’umuringa w’umwakaka, aravuga ibi,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite